Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu 21 bari bafashwe n’iperereza mu Carama barekuwe
Abantu 21 bari bafashwe n’iperereza mu Carama barekuwe
mercredi 11 Ndamukiza 2018, par
Muri abo bari bafashwe harimwo kandi na Gilbert NYAWAKIRA, umukuru wa w’urunani rw’amasendika y’abakozi mu Burundi (CSB : Confédération Syndical du Burundi).
Abafashwe bumvirijwe mw’igendereza ry’Uburundi, ariko ababumvirije bakaba basanze ivyo bagirizwa bidafise ishingiro, nk’uko vyemezwa na bamwe muribo. Abegereye abafashwe bemeza ko bari aho basanzwe bahora bakinira urukino rwa "Ping Pong", bakaba mbere bari basanzwe bahurikiye mw’ishirahamwe rimwe ry’urwo rukino.
Abo bantu bari bafatiwe mu nzu iri muri karitiye ya Carama, zone Kinama, mu gisagara ca Bujumbura, mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, abanyagihugu akaba aribo batabaje abajejwe umutekano.
Abari bafashwe bose uko ari 21 barekuwe.
Egide NDUWIMANA
Messages
10 Ndamukiza 2018, 14:56, par MABOYI
NIBAFATWE .IMANA IRAKUNDA UBURUNDI NUKURI AIPEUJA INTAMBARA IJOTANGURIRA IWABO IHEREREHO.MVUYUKO KUBERA NKUBU ABANA BABO UBU BARI MUGATENGO.BARINJIYE IMPIMBA .YESU ARAKUNDA UBURUNDI.AMN
10 Ndamukiza 2018, 19:03, par J.Johny H
Abobafashw bari mumanama biyugarany nibabakorereko ntibadusubiz mukahitiy bahanw vy’akarorero.
10 Ndamukiza 2018, 20:48, par Fulaha Idi
Abobantu Ahubwo Nimubakorereko Bagomba Kwikoza Ivya Niyombare.Ahubwo Vyiza Mwobamesa.
11 Ndamukiza 2018, 07:03, par CIMPAYE LANDRY
abo bantu ni babakorereko wosanga bakorana nabashats gutembagaza ubutegetsi
11 Ndamukiza 2018, 19:24, par André Nduwimana
Nkurikiye yatwariye hejuru. Ukuri ni ukundi. Il y a une parcelle cedée par la mairie pour la promotion du ping-pong mais convoitée par un parlementaire qui a monté cette histoire grotesque. Il n’y a eu aucune alerte de la population simplement une escroquerie de cet "honorable". Un tel tapage pour rien