Accueil > Amakuru > umutekano > Abantu batatu batowe ibiziga mu bibanza bitandukanye
Abantu batatu batowe ibiziga mu bibanza bitandukanye
mardi 24 Gitugutu 2017, par
Ikiziga ca mbere catowe ni ic’umugabo azwi kw’izina rya NTANGURANWA Leonce w’imyaka 58. Ico kiziga catowe muri komine Mukike, intara ya Bujumbura rural mu gatondo ko kuri uwu wa mbere. Abanyagihugu nibo bakibonye ubwa mbere baca batabaza abajejwe umutekano. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.
Ikiziga kigira kabiri catowe ni ic’umwana w’umwigeme w’imyaka ibiri catowe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha y’icumi, muri komine Kiremba, ku musozi Nyamarobe, mu ntara ya Ngozi. Uwo mwana azwi kw’izina rya NZOYIHIKI Clémentine, ikiziga ciwe kikaba catowe kireremba ku ruzi Buyongwe.
Umuntu agira gatatu yatowe ikiziga ni uwitwa RWASA Emmanuel w’imyaka 28. Mu giporisi bamenyesha ko ikiziga ciwe catowe mw’ijoro ryo kuri uwu wa mbere, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro. Nk’uko mu giporisi bavyemeza, ico kiziga catowe ku rugo rw’uwitwa NZEYIMANA ruri ku musozi Nyagatovu, komine Vumbi, mu ntara ya Kirundo. Mu giporisi bavuga ko amatohoza yatanguye.
Amakuru atangwa n’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga kandi Gerenade yatowe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere, mu murima w’uwitwa NDUWIMANA Jean Paul uri ku musozi Cihonda, komine Gashikanwa, mu ntara ya Ngozi. Iyo gerenade yaciye ishikirizwa uwutwara igiporisi muri iyo komine Gashikanwa.
Muri iyo ntara ya Ngozi nyene, igiporisi kivuga inzu y’uwitwa MPFUKAME Alexis yaturiwe n’abantu bataramenyekana, ku musozi Musumba, komine Gashikanwa. Amatohoza yatanguye, nk’uko vyemezwa n’igiporisi.
Egide NDUWIMANA
Messages
24 Gitugutu 2017, 11:33, par BUSURAHENDE
Mandat y’ibiziga? Oya, mu gipolisi bavuga ko amatohoza yatanguye.
Ikibazo: Mwari muzi yuko abanyurujwe izuba riva, abantu barorera batorwa bameze gute?
24 Gitugutu 2017, 14:27, par ruberintwari anaclet
hariho abantu bakwiye kwibuka ko bambaye umubiri nabo nyene. Bakarenka gusinzikaza ubuzima bw’abandi ukamengo bobo ntamaraso bafise. Kahise kaba gakwiye kutwigisha.