Accueil > Amakuru > umutekano > Abanyamerika baba mu Burundi bagabishijwe
Abanyamerika baba mu Burundi bagabishijwe
mardi 27 Ruheshi 2017, par
Nk’uko biri mu rwandiko rwasohowe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, Reta ya Amerika yamenyesheje ko umutekano w’Uburundi utifashe neza kubera hoba hari imirwi y’abarwanyi hamwe n’abahoze ku rugamba bavuye muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kugira baze guhungabanya umutekano mu Burundi.
Abanyamerika baba mu Burundi basabwe kudafata ingendo mw’ijoro, hamwe n’ukwirinda kugendagenda mu gisagara ca Bujumbura mw’ijoro. Abanyamerika baba mu Burundi babwiwe kandi amakaritiye yo mu gisagara ca Bujumbura bokwirinda gutemberamwo. Ayo nayo ni Musaga, Cibitoke, Mutakura, Kinama, Ngagara, Kamenge, Gasenyi.
Kubw’ubushikiranganji bw’imigenderanire ya Amerika n’ayandi makungu, abanyamerika baba mu Burundi ntibokwizera umutekano usa n’uwuhari ubu, kuko bishobora guhinduka.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko ibiharuro bihari ubu vyerekana ko umutekano wifashe neza, kiretse ubugizi bwa nabi bwibonekeza mu gisagara ca Bujumbura, bugizwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho, gerenade ziterwa hamwe n’abantu bagandagurwa.
Egide NDUWIMANA
Messages
27 Ruheshi 2017, 12:01, par BANZUBAZE
MUGIPORISI MURAGABA KUKO BOBA BABIZI SIBO BABASHIGIKIYE
2 Mukakaro 2017, 18:34, par amiri
ABO BABABAZI IBIHAVA BIBA NARIRYA ARIBO BABIFISEMWO URUHARA KUMABI AKORERWA ABARUNDI N’UBURUNDI
10 Mukakaro 2017, 21:28, par Müller Peninna
Ntakigenda Ndabariye, muraba maso mubwitonzi bwamywe buranga Uburundi, mwirinde ibihuha, ntimutwarire hejuru, nyabuna eka Teramira iyo Ngovyi iduhetse ariyo Burundi. Ntayandi mahungiro dufise, akimuhana kaza imvura ihise, iwabo w’umuntu haruta vyose. Twiture YESU wacu. Amen
17 Gitugutu 2017, 20:28, par Fredy Ntamarerero
Iyo n’imwe munkuru abajejwe umutekano bokorerako, n’ambere bavuguko, kubw’integuro zabo.Tubirindire turikauye