IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Amashuri > Abanyeshuri bemeza ko imyiteguro y’ikibazo ca Reta igeze ku rugero (...)

Abanyeshuri bemeza ko imyiteguro y’ikibazo ca Reta igeze ku rugero rushimishije

mercredi 30 mai 2018

Kw’ishuri ryisumbuye rya komine Bwiza, riri muri komine Mukaza, igisagara ca Bujumbura aho twaciye mu gatondo ko kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 30 Rusama 2018, abigisha bariko baratanga ivyigwa vyo gusubiramwo kugira abanyeshure banonosore neza ivyo bazokora mu kibazo ca Reta.

Uko vyari biri mu Bwiza, niko vyari biri no kw’ishuri ryisumbuye rya komine riri muri karitiye Mutanga Sud, zone Rohero, naho nyene abigisha bariko barasigurira ivyigwa abanyeshure, na cane cane ivyo bazokorako ikibazo ca Reta.

Abanyeshuri biga kuri ayo mashure, bavuga ko biteguriye neza ikibazo, kandi bizeye kugitora kuko, ivyigwa vyinshi muvyo bazokora babihejeje kare ubu bariko barasubiramwo gusa.

Abo banyeshure, bavuga kandi ko bashima uburyo ico kibazo kiriko kiratorwa, bagasaba ko vyokwama bigenda ukwo, kugira mu bibazo vya Reta hame habamwo umuco.

Ikibazo ca Reta gitanga uburenganzira bwo kuja mu gice ca kabiri c’ishure nshingiro, kizokorwa kuva kw’igenekerezo rya 5 gushika kurya 7 Ruheshi 2018, abanyeshuri bitezwe gukora ikibazo ari 9925, kikazokorerwa mu bibanza 1015.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.