IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga bwashikirije (...)

Ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga n’imyuga bwashikirije ivyaranguwe mu mezi 3 aheze

Wednesday 24 October 2018, by vianney

Ivyo vyashikirijwe kuruno wa gatatu igenekerezo rya 24 Gitugutu 2018,n’umunyamabanga ntayegayezwa w’ubushikiranganji bw’indero inyigisho z’ubuhinga hamwe n’imyuga Hermenegilde BURIKUKIYE mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.

Hermenegilde BURIKUKIYE yavuze ko murico kiringo c’amezi atatu amashure nshingiro angana 14 yaronkejwe umuyagankuba uva ku zuba kandi hashoboye kwandikwa neza ibitabo 54 vy’umwigisha hamwe n’ivy’umunyeshure bikoreshwa mu gisata c’imyuga.

Uyo munyamabanga ntayegayezwa murubwo bushikiranganji avuga ko murico kiringo hatanzwe inyigisho ku bigisha ibijanye n’ururimi rw’igiswahiri hamwe n’ibijanye n’ubuhinga bwa none.

Hermenegilde BURIKUKIYE avuga ko mu mezi atatu aheze hakozwe ingendo nyinshi zo kwishikira ku kivi mu gisagara ca Bujumbura mu ntumbero yo kuraba ko amategeko yashinzwe akwirikizwa.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.