IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Amashuri > Juma Edouard: “ Nta shure na rimwe riri hejuru y’amategeko.”

Juma Edouard: “ Nta shure na rimwe riri hejuru y’amategeko.”

Friday 28 September 2018, by vianney

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego zitandukanye z’igihugu kuruno wa gatanu igenekerezo rya 28 Nyakanga 2018,Juma Edouard yamenyesheje ko igituma amashure amwe amwe atangisha ayo mafaranga yo kwiyandikisha usanga ata komite nshingwashure irashingwa kugira ifashe gutorera inyishu ico kibazo.

Juma Edouard asaba amashure yatoje ayo mafaranga kuyasubiza kuko ategerezwa kubahiriza itegeko nshikiranganji.
Uyo muvugizi w’ubushikiranganji bw’indero avuga ko icatumye ayo mafaranga akurwa aruko hari amashure yahora atoza amafaranga ku banyeshure kuva mu mwaka wa mbere gushika mu mwaka wa nyuma kandi umunyeshure yategerezwa kuyatanga rimwe gusa acinjira muriryo shure.

Juma Edouard avuga ko amashure amwamwe abarongozi bayo canke abayaserukira imbere y’amategeko bayafata nkayabo bagakora ivyo bishakiye ariko igikwiye aruko boshinga komite nshingwashure itorera umuti ibibazo vy’ishure.

Juma Edouard avuga ko iryo tegeko ritabuza ko ishure ritunganya iyindi migambi bafashanije n’abavyeyi.


Vianney BIKORIMANA

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.