IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubutungane > Abapfungwa 20 bakomerekeye mw’ibohero rya Rumonge

Abapfungwa 20 bakomerekeye mw’ibohero rya Rumonge

vendredi 4 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko abanyororo babiri bakomerekejwe n’amasasu yarashwe hejuru n’abaporisi kugira abanyororo ntibatoroke, abandi nabo bakaba bakomerekanijwe n’ibibando bariko barakoresha mu kurwana.

Petero NKURIKIYE avugira igiporisi c’Uburundi amenyesha ko iyo mishamirano yabaye hagati y’abanyororo barwanye n’abajejwe umutekano mw’ibohero, hamwe n’abajejwe kubakinjikira ibifungurwa. Abo banyororo bagirije abajejwe kubakinjikira ko aribo babaha imfungurwa nke kuzo baba bandikiwe.

Mu giporisi bavuga ko abanyororo 19 bari imbere y’abandi muri iyo mishamirano bafashwe muri iyo mishamirano bafashwe, bakaba kuri uwu wa gatanu bungururijwe mu yandi mabohero.

Abajejewe umutekano nabo bakaba bongerejwe muri iryo bohero.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.