Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi babiri banyururijwe ku butaka bwa Congo
Abarundi babiri banyururijwe ku butaka bwa Congo
mardi 18 Ndamukiza 2017, par
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko bataramenya irengero ry’abantu babiri bagizwe n’umushingantahe hamwe n’umupfasoni wiwe banyurujwe mu gatondo ko kuri uwu wa mbere igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2017.
Bernard Nihende w’imyaka 64ans, hamwe n’umupfasoni wiwe Miriyana Ndikumagenge bo ku musozi Vugizo, muri zone Gatumba, intara ya Bujumbura benshi bita rural banyurujwe n’abantu bataramenyekana kuri uwu wa mbere nk’igihe c’isaha zine zitatu n’iminota mirongo itatu, nk’uko vyemezwa n’igiporisi c’Uburundi.
Uwo mugabo n’umugore wiwe banyururijwe ku butaka bwa Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, aho bari bagiye kwimbura ivyamwa “Pastèques” biri mu mirima yabo.
Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko bataramenya irengero ry’abo bantu, hamwe n’ababanyuruje, ariko bakikeka ko boba banyurujwe n’abantu bashaka gusaba amafaranga imiryango yabo.
Abo babiri banyurujwe baje biyongera ku bandi baheruka kunyuruzwa bari mu muduga wunguruza abantu (Bus) mu Gatumba, muribo hakaba harimwo Patiri Adolphe NTAHONDEREYE hamwe n’umutama azwi kw’izina rya Mathias asanzwe avuza umuduri, akaba n’umuvyeyi wa Alfred na Bernard nabo nyene bavuza umuduri.
IGIHE
Messages
18 Ndamukiza 2017, 12:07, par Wakera
Uwo muvugizi wa Police Nuisible pour les Burundais (PNB) ariko yiteza utunyoni kandi aziko banyurujwe n’imbonerakure, FDLR n’interahamwe bari mumyimenyerezo Kiliba ONDES!!! Jewe abafurero baba Mwaba, Secteur 5 na Cimuka bahejeje kubimbwira kwizo mbonerakure ziriko zirabatoteza kuko na Buruguri bazaniwe n’umukuru w’icahoze ari igisirikare c’uburundi FDN ( Force de Destabilisation Nationale) itazikwiye!!! Tabara abafurero mugani wabo ngo nanga mashi!!!!
19 Ndamukiza 2017, 06:29, par Tari
Iyi ntagondwa yitwa Wakera iravuga kurusha Gasuku. Icyayishobora ni umuti wo gusinzira(agafuni)
19 Ndamukiza 2017, 08:21, par Wakera
@Tari, Mbwira aho duhurira unkubite ako gafuni!!! Muzopfa mwangara, noneho bari bababwiye kuri mont Sion nuko mutumva!!!
19 Ndamukiza 2017, 17:48, par SUGURU
IGIPOLICE NI KIBE MAGABO GICUNGERE
19 Ndamukiza 2017, 18:25, par Epimac
Hahahaha!!! Ndabatwenz Komuvug Mufis Imbonerakure Ngo Zicunga Umutekano Ntimwozirungika Zikaja Kubagarura! Yooo! Baragenda Nzabampema Asubire Azisyokore Nkambere
19 Ndamukiza 2017, 19:51, par Mututsimwiza
Wakera ni igihunyira....imbwebwe(mujeri).
21 Ndamukiza 2017, 12:01, par GATEKA
#Wakera nimumureke iyo umusazi asara mukamuraba muribenshi Akomeza asara cane yiyumvamwo cane inguvu!!! Ariko jew ndamutahura kbs koyibereye mw’ikambi zimpunzi avuge gute?? ngwarabazi iyobari, uko ni ukuri arahazi kuk nizonyene #Mujeri barikumw kugira zambike urubwa leta, Arik ntakitagira iherezo.
Murakoze
24 Ndamukiza 2017, 08:37, par Joni
Mana Fasha, Uburundi, Ntukorere, Kuvyiyumviro Vyacu