Accueil > Amakuru > umutekano > Abarundi bane bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB
Abarundi bane bafashwe bagiye kwinjira muri AL-SHABAAB
mardi 12 Nyakanga 2017, par
Ibinyamakuru vyo mu gihugu ca Kenya bivuga ko abo Barundi bafatiwe ahitwa Isiolo mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri.
Mu giporisi ca Kenya bamenyesha ko abo barundi baje bava i Bujumbura, bakaba binjiye muri ico gihugu ca Kenya bavuze ko ari ingenzi (Touristes) zije kugendera ico gihugu, ariko mu nyuma bafatwa nk’igihe c’isaha cumi z’ijoro kuri uwu wa kabiri bariko bagerageza kwinjira mu gihugu ca Somaliya.
Igiporisi cabumvirije umwanya utari muto, bahava biyemerera ko bari bagiye muri Somaliya kwinjira mu murwi ukora iterabwoba wa AL-SHABAAB.
Abafashwe ni Ntakarutimana Bernard w’imyaka 41, Niyongere Yusuf w’imyaka 32, Nshimirimana Fulgnce Shadady w’imyaka 31 hamwe na Bizoza Abderauf 20. Bose bari mu minwe y’igiporisi ca Kenya.
Egide NDUWIMANA
Messages
13 Nyakanga 2017, 13:06, par nephtalie
Birababaje cane kandi bitey’isoni.Ndakeje igihugu ca Kenya cabafashe ni kibashikirize leta y’Uburundi amatohoza aramvuye akore kuko ushobora gusanga har’abandi bar’inyuma y’uwo mugambi mubi ugayitse.
14 Nyakanga 2017, 12:45, par Jean Claude
Bari bibazako muri kenya rwitaha? Reka babaturungikire hama tubacire urubabereye kuko izo ni inkozi z’ikibi.
28 Nyakanga 2018, 15:42, par Léonce Harerimana
Izo Nkozi Zikibi Nibazihane Bisunze Amategeko