Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Abarundi bose bakwije ibisabwa basabwa kwiyandikisha kugira bazokwitabe (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Abarundi bose bakwije ibisabwa basabwa kwiyandikisha kugira bazokwitabe (...)

Abarundi bose bakwije ibisabwa basabwa kwiyandikisha kugira bazokwitabe amatora

jeudi 1er février 2018

umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA avuga uko umurwi CENI wifata mu bibazo bimwe bimwe, vyerekana ko udakora wigenga, ariko agashima uko, uwo murwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu washizeho, imirwi itegura amatora ku rwego rw’intara CEPI.

Ati : « Muri CENI barinanase barashiramwo muri CEPI umwe umwe wo mu batavugarumwe na Reta vy’ukuri, Turabishima. Turabashimira ko biyumviriye gushiramwo umwe umwe. Ariko ivyo vyari gutanga iciyumviro c’ingene bari kwubaka amirwi itegura amatora mu makomine CECI, n’imiburiburi bagashiramwo abo ataho bahengamiye. »

Uwo mushingamateka yatowe mu Runani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi amenyesha ko yandikiye umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu awereka amakenga yabaye mw’ishirwaho ry’abandika abazokwitaba amatora, ariko ata cakozwe.

Kutemera ko haba ikumirwa ni igikorwa c’ubutwari

Kuba hari abanywanyi b’Urunani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi bahitamwo gutanga imihoho mu mirwi itegura amatora mu gihe babonye ko hari ikumirwa n’isuzugurwa ry’uruhande rumwe, umushingamateka Celestin NDIKUMANA avuga ko bagishikikiye, kuko ari igikorwa c’ubutwari, kuko ata wokwemera ko haba ikumirwa.

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA ahamagarira abarundi bose kwiyandikisha ku bwinshi, kugira bitabe amatora nk’uko CENI yabitegekanije, akabahamagarira kandi gushiruka umwete mu kwiyandikisha, abatararonka karangamuntu bazirondere.

Pierre Celestin arongoye umurwi w’abashingamateka batowe mu Rumani rw’Abigenga Amizero y’Abarundi asaba umurwi utegura amatora ku rwego rw’igihugu CENI kwongereze ikiringo co kwiyandikisha,kuko umwanya watanzwe ari muto, bigashobora gutuma vyerekana ayandi makenga ari mw’itegurwa ry’amatora.

JPEG - 80.9 ko
Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA, yatowe mu Bigenga Amizero y’Abarundi (photo Iwacu)

Umushingamateka Pierre Celestin NDIKUMANA asigura ko igikorwa co gutora ari igikorwa c’iteka, agasaba umuntu wese gutora ikimubereye n’ico ashaka ,yisunze ingene yanyuzwe, kuko ari uburenganzira gutora ico umuntu ashimye.

Uwo mushingamateka asaba kandi umurwi CENI gukora wigenga gushika ku rwego rwa komine, bishoboka basubiremwo intonde zakozwe hatisunzwe amategeko, kugira abarundi bose bazokwitabe amatora bagononokewe ku mutima.

Bitegekanijwe ko igikorwa co kwandika abazokwitaba amatora kizotangura kw’igenekerezo rya 8 gushika kurya 17 Ruhuhuma 2018, nayo amatora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa shingiro, akaba ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu, nk’uko umurwi utegura amatora CENI wabimenyesheje.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.