Accueil > Amakuru > Poritike > Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga
Umunyamabanga mukuru w’umugambwe FRODEBU Nyakuri yakuwe mu mabanga
mercredi 6 juin 2018
Mw’ikete umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, Kefa NIBIZI, yandikiye umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, amenyesha ko, mu gihe kw’igenekerezo rya 3 Ruheshi 2018 hari hategekanijwe inama idasanzwe yiga uko imyiyamamazo yagenze, abari muri komite nkuru y’umugambwe ku rwego rw’igihugu 35 kuri 44 bayigize banditse basaba ko hakorana inama idasanzwe yiga ku kibazo ca David NIYONCUNGU.
Muri iryo kete, Kefa NIBIZI, arongoye umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, amenyesha ko mw’ikete abo 35 banditse, bagiriza David NIYONCUNGU umunyabanga mukuru w’umugambwe kuba atarangura neza amabanga ajejwe, no kuba afise imyifato ishobora gutuma ibikorwa vy’umugambwe bisubira inyuma.
Kefa NIBIZI amenyesha ko abagize komite nkuru y’umugambwe bamaze guhanahana ivyiyumviro, bashize ahabona ivyemeza ko David NIYONCUNGU adashoboye kurangura neza amabanga y’umunyamabanga mukuru w’umugambwe, hamwe n’imyifato yiwe ituma umugambwe usubira inyuma aho gutera imbere.
- David NIYONCUNGU, yakuwe mu bunyamabanga bukuru bw’umugambwe FRODEBU Nyakuri
Umukuru w’umugambwe Sahwanya FRODEBU Nyakuri Iragi rya NDADAYE, avuga ko bamaze gushira hamwe iviyiyumviro bagatanga umwanya kandi kuri David NIYONCUNGU wo kwisigura, bafashe ingingo yo guhagarika David NIYONCUNGU mu bunyamabanga bukuru bw’umugambwe, gushika habaye ihuriro ry’umugambwe rizovuga kuri kazoza kiwe.
MUGISHA Van Naris
Messages
6 juin 2018, 12:50, par Busurahende
Oya Niyoncungu azize kutemera yuko amatora yagenze neza nk’uko ibihemu vyirirwa bibesha ngo amatora yabaye mu muco. "Ukuri guca mu ziko ntigusha"
6 juin 2018, 22:09, par MAKOBERO
AZIZE KUVUGA IBITAGENDA NEZA MBE WOBA URI MUKWAHA HANYUMA UKAVUGA KO HANUKA ?
7 juin 2018, 14:45, par Havyarimana Leonard
Uburundi Burakeney Abantu Bimvuga Kuri.Arko Nuko Uwuz Ukuri Akuzira.Imana Idufashe Cane
7 juin 2018, 20:32, par ET.OO
arihangana.inyana.yiswe.namata.ntawundi.mwerera.nibamuhisuka.ajekurima
8 juin 2018, 16:30, par Busurahende
Twari twaravivuze yuko yazize kuvugisha ukuri. Ntibitevye abamukuye buca babashengeza kuko isake imaze kubika : uwishe, uwashigikiye ikinyoma, abasuma n’abangushi...abo baramenje. Nta matora yabaye mu muco n’abari barabipanze vyaraye bibasambukanye ....i Bugendana.
8 juin 2018, 20:26, par Renovat
Guhindura Nivyiza Adakora Non Igihugu Gitezwa Imbere Nuguhimiriza Abo Utwara
9 juin 2018, 16:30, par zebras
emw ahubwo abant bakaguma bakwiy kuja barava mumabanga kuk usanga binygjmwo ikibi nka mw nk’abamenyeshamakuru kumwanya mwamaz muri synergie be muza muhanura abanyepolitike