Home > Amakuru > Poritike > Parcem ivuga ko ibiganiro hamwe n’intwaro ishingiye kuri kazoza arivyo muti (...)
Parcem ivuga ko ibiganiro hamwe n’intwaro ishingiye kuri kazoza arivyo muti w’ibibazo mu gihugu
Thursday 7 June 2018, by
Mu rwandiko iryo shirahamwe ryasohoye kubijanye n’ibwirizwa shingiro rishasha ryateweko umukono n’umukuru w’igihugu,Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM amenyeshako naho iryo bwirizwa nshingiro ryemejwe,mu gihugu hakiri ibibazo bikomeye bikwiye gutorerwa inyishu.
Faustin NDIKUMANA avuga ko ibibazo nk’ibijanye no kunywanisha,urwanko hamwe n’abarundi benshi bakiri mu buhungiro ari ibibazo bikwiye gutorerwa inyishu.
Ibindi bibazo mw’ishirahamwe PARCEM babona ko bikiraje ishinga igihugu n’ibijanye n’uko igihugu ata cizere kigifitiwe n’abasanzwe bagifasha,kubura uburyo hamwe n’igiturire.
Faustin NDIKUMANA arangiza avuga ko habaye ishaka ry’abarongozi batandukanye bagashira imbere kazoza k’igihugu hamwe no gukunda igihugu ata nkeka ivyo bibazo vyose vyotorerwa inyishu
Bikorimana Vianney
Forum posts
7 June 2018, 14:35, by Havyarimana Leonard
Uburundi Buzokwama Buri Mungorane Igihe Cose.Arko Abanyepolitique Boraba Bakumvikana Kuko Iyo Habay Ingorane Umunyagihugu Mutoya Niwe Agira Ingorane
10 June 2018, 05:15, by zebras
abanyapolitik bacu na can can ababa batsinzw mumatora kuk umengo gutwara igihugu umeng nakazi baros ko gusoroma abnegihgu.