Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Imigambwe ntiyakiriye kumwe iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > Imigambwe ntiyakiriye kumwe iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare (...)

Imigambwe ntiyakiriye kumwe iyemezwa ry’ivyavuye mu matora na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro

vendredi 1er juin 2018

Umukuru w’umugambwe APDR ,Gabriel BANZAWITONDE, amenyesha ko bakiriye neza iryo yemezwa ry’ivyavuye mu matora y’ibwirizwa shingiro na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro kandi agasaba ko ryoca rishirwa mu ngiro.

Naho kubitwaye bavuga ko batemera ivyavuye mu matora yo kwemeza canke guhakana ibwirizwa nshingiro kuko yaranzwe n’utunenge ,Gabriel BANZAWITONDE yavuze ati : “Ivyo ni ibisanzwe mu ntwaro rusangi,ubwa mbere ho ni uburenganzira bwabo,tubahanura kwemera aho intahe ishize kandi Bizere ubutungane.

Kubw’icegera c’umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU, Leonce NGENDAKUMANA, amenyesha ko ata kintu kibatangaza kiriho kubona sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro yaremeje ivyavuye mu matora aheruka,kuko arivyo vyategerezwa gukorwa.

Leonce NGENDAKUMANA yavuze ko ata gishasha kiriho, ku bwabo ahubwo bagiye kubandanya bakora kugira amasezerano y’i Arusha abandanye yubahirizwa.


BIKORIMANA Vianney

Messages

  • SAHWANYA FRODEBU. mutsinda amatora yo 1993 sitwebwe mwita abanyagihugu batobato twabashikanye kuntsinzi ! demokarasi nabantu benshi mwaratwibagiye natwe tuzobibagira ntituri Arusha turi mugihugu camavukiro mwabibonye bwira nabomusangiye iyongendo nabado.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.