Accueil > Amakuru > umutekano > Alain Guillaume BUNYONI : "Imirwi 67 y’abagizi ba nabi yasambuye mu mezi (...)
Alain Guillaume BUNYONI : "Imirwi 67 y’abagizi ba nabi yasambuye mu mezi atatu"
mercredi 12 Ndamukiza 2017, par
Ubushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi buvuga ko naho umutekano wifashe neza muri rusangi, hari ubugizi bwa nabi bwagiye buribonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi, mu mezi atatu aheze. Muri ubwo bushikiranganji bavuga kandi ko muri ico kiringo hibonekeje ubwicanyi bukomoka ku kwihorahorana canke ku matati y’amatongo n’ayandi matungo, hamwe n’ubusuma bw’abitwaje ibirwanisho.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kuri uwu wa kabiri, Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano yamenyesheje ko mu bikorwa vy’ugutuza ubwo bugizi bwa nabi, hafashwe ibirwanisho bigera kuri 40, harimwo inkoho zo mu bwoko bwa Kalashnikov, inkoho ntonto zo mu bwoko bwa Pistolet, ibisasu ntezwantoki (Grenades), amasasu agera ku 786, amabombe, hamwe n’ibindi bikoresho vy’igiporisi n’igisirikare.
"Igiporisi carasambuye imirwi 67, n’abagizi ba nabi bakora ubwo bubisha barafashwe, aha harafashwe inkozi z’ikibi 6741, abashika ku 5600 barakorewe amadosiye. Muri ayo madosiye haravuyemwo amadosiye 3427 yashikirijwe ubutungane.", uko niko umushikiranganji w’umutekano, Alain Guillaume BUNYONI yabishikirije.
- Alain Guillaume BUNYONI, umushikiranganji w’umutekano
IGIHE
Messages
12 Ndamukiza 2017, 13:55, par Gaston
Umutekano Nukuwukomeza Mugutuza Ubugizi Bw’anabi Ariko Ubusuma Nukubuvira Hasi Abagomba Kurya Uvyobatabiye Akaya Bafatwe,turashima Cane Ibikorwa Vyukwitanga Vyabajejwe Umutekano Mugihugu.
12 Ndamukiza 2017, 13:59, par Buja
Mushikiranganji muzakore iperereza mumenye inkozi y’ikibi yitwa WAKERA aho iherereye maze muyihe umuti wo gusinzira.
12 Ndamukiza 2017, 16:00, par bukasa
Turakeje Inzego zumutekano babandanye gutuza intumva no kuzikurugutura mumatwi kugira zumve murakoze
12 Ndamukiza 2017, 20:58, par Melc
Turabashimiye
13 Ndamukiza 2017, 08:30, par Wakera
Munyoni nabanze asambure imbonerakure, interahamwe, FDLR birirwa barasasika inganda
14 Ndamukiza 2017, 06:33, par Ntakirutimana AL Joel
Vangaho ntavyuriko uravuga wa mubisha we, kwimbonerakure zirirwa zirica, zongera zifata abagore nabigeme kunguvu kutarabafata?.
14 Ndamukiza 2017, 19:36, par Psi
Nimurek yivugir none kwatari mwebw mwamuhay yab arimw mwamuhay mwomukura nimurek
15 Ndamukiza 2017, 03:06, par NIKIZA JAMILA
NONE NIBABANDANYEBAKORANEZABARONDERE UMUTEKANO WABENEGIHUGU
15 Ndamukiza 2017, 12:44, par Turaje
@Wakera mbwa. Uzapfa werera wa ntagongwa we