IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Amasoko ane yasubiwemwo n’igisagara ca Bujumbura agiye kwinjirwa

Amasoko ane yasubiwemwo n’igisagara ca Bujumbura agiye kwinjirwa

vendredi 11 mai 2018

Ayo masoko azokwinjirwa, ni isoko ya Kinama, Jabe, Musaga na Ruziba yari yugawe kubera ibikorwa vyo kuyasubiramwo vyari vyatanguye mu mwaka wa 2016.

Ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura, bumenyesha ko amasoko mfatakibanza abadandaza bahora bakoreramwo, azoca yugarwa kuri iryo genekerezo nyene, kugira abadandaza basubire mu masoko yasubiwemwo.

Mw’itangazo ubuyobozi bw’igisagara ca Bujumbura ryashize ahabona, bumenyesha ko umudandaza hazogera iryo sango atarariha amafaranga yo kwubaka ikibanza, azoca acakwa gihabwe uwubishoboye.

Ku yandi masoko yasubiwemwo nk’isoko ya Ngagara, iya Kinindo n’iya Kanyosha, abadandaza bakorera mur’iyo, basabwa kuriha amafaranga basabwa yo kwubaka ibibanza vyabo, mu ntumbero yo kubatunganiriza vuba, kugira bazoce babamenyesha isango ryo kuyinjira.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.