IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Ikigo OBR kiragabisha abadandaza batazotanga fagitire ku baguzi

Ikigo OBR kiragabisha abadandaza batazotanga fagitire ku baguzi

mardi 27 février 2018

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 27 Ruhuhuma 2018, Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimans yavuze ko uwo mugambi wateguwe mu ntumbero yo kworohereza ikigo OBR, mu biharuro bakora buri kwezi.

Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimans yamenyesheje kandi ko igikorwa co gutanga fagitire kizokorwa n’abadandaza bakibonamwo akarusho gashika ku bice 30 kw’ijana vyiyongera ku mafaranga bahora binjiza.

Komiseri NIYONZIMA Jean Berchimas avuga kandi ko, ikigo OBR camenyekanishije biciye mu makete umuyobozi mukuru arongoye ikigo OBR yarungikiye abadandaza bose bo mu gihugu hagati no mugisagara ca Bujumbura, ko iyo fagitire yamaze kuja mu ngiro kuva kw’igenekerezo rya 1 Nzero, 2018, kandi ko uwutazobikurikiza azohanwa mu gutanga ihadabu ringana n’ibice 20 kw’ijana vy’igiciro c’ikiguzi yakiriye ariko aradandaza.

Komiseri Jean Berchimas yamenyesheje ko, ikigo OBR kiriko gica ku nzu ku nzu y’umudandaza kimumenyesha amategeko agenga ikoreshwa ry’iyo fagitire, kugira abadandaza ntibazokwicuze mu nyuma.


Callixte Carpe NDIKUMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.