Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Bujumbura : Hari ubwoba mu bunguruza abantu ko igiciro c’igitoro gishobora (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Ubudandaji > Bujumbura : Hari ubwoba mu bunguruza abantu ko igiciro c’igitoro gishobora (...)

Bujumbura : Hari ubwoba mu bunguruza abantu ko igiciro c’igitoro gishobora gusubira kuduzwa

jeudi 8 février 2018

Abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bavuga ko igitoro hamwe hamwe catanguye kubura ku munsi wa kabiri, igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2018, ariko bagumye bibaza ko bizomara akanya gato.

Abo bunguruza abantu bavuga ko igihe ibiciro vy’igitoro biheruka kuduzwa, hari habanje kuba ubukene bw’igitoro, bagatinya ko n’ubu hoba hari umugambi wo gusubira kuduza igiciro.

Abunguruza abantu babajana mu bice bitandukanye vy’igisagara basaba ababijejwe gukora ibishoboka vyose kugira igitoro co mu bwoko bwa Esanse kiboneke ku bituro aho kidandarizwa, kuko bamwe bakora umwanya muto, umwanya munini bakawumara bariko barondera igitoro.

Tugerageje kurondera umuyobozi mukuru ajejwe ibitoro mu bushikiranganji bw’amasoko ntanga nguvu, ubutare n’agataka, kuri ngendanwa yiwe batubwiye ko tudashobora kumuronka, ko twogerageza hanyuma.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.