Accueil > Amakuru > Ubutungane > Amatohoza arabandanya ku bishe umunyeshure wo mu kigo co ku (...)
Amatohoza arabandanya ku bishe umunyeshure wo mu kigo co ku Mutanga
jeudi 1er Kigarama 2016, par
Igiporisi c’Uburundi kimenyesha ko amatohoza yamaze gutangura kugira ukuri kumenyekane ku bagandaguye umunyeshure Gapero Enock muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi asigura ko bitumvikana ingene abanyeshure bokwihanira bonyene uwo bari bagirije ubusuma, ahubwo akavuga ko bari kwitura inzego zibijejwe zikabatunganiriza.
Amakuru ava muri Kaminuza y’Uburundi, ikigo co ku Mutanga avuga ko umunyeshure Gapero Enock yafashwe ariko yugurura ku nguvu umuryango w’umwe mu vyumba vyo muri ico kigo, uwuhaba aca aratabaza bagenzi we. Bashitse baramukubise bamusiga ari indembe.
Ayo makuru nyene avuga ko uwo munyeshure yahora yiga mu gisata ca Psychologie yari atashe mw’ijoro, aho ivyo yagirizwa vyaba. Abaporisi bacunga umutekano wo mu kigo ca Kaminuza y’Uburundi ku Mutanga baraje gutabara, ariko basanze abamukubise bamaze kugenda, baca bamutwara kwa muganga, ku bitaro vyitiriwe umwami Khaled.
Abaganga baragerageje kumuvura, ariko kubera yari yasinzikaye, akaba yaciye yitaba Imana.
Uwo munyeshure yavuka mu ntara ya Mwaro, mu muryango wiwe bagasaba ko amatohoza yokorwa, kugira abamugandaguye bamenyekane kandi bashengezwe.
IGIHE
Messages
1er Kigarama 2016, 07:44, par kamaro
oya ayomatohoza aroroshe nihafatwe uyomunyeshuri nyenicocumba hama yerekane abahashitse umbambere kuza kumutabara hama nabandi bacabamenyekana....
1er Kigarama 2016, 09:49, par bucumi yvette
IMANA imwakire mubwami bwayo
1er Kigarama 2016, 17:32, par .
Barashavuye bararenza abobana nubwo nyene mushahara wadhambi ari mauti.
Ariko nabo baciye bakora ikinticaha ucubonako nimba mushahara wadhambi ari mauti nabokandi vyocabigenda ukwonyene ariko nuyundi yobica nawe kandi yobakoze ikindicaha nawe akacayicwa mpaka abantubagahera bwabundi igihano cokwica ntigikenewe.
1er Kigarama 2016, 20:25, par Anicet KABANYANA
Ahaaa!mbese umunyeshure yiga muri kanyomoza ariba?akengeta ivyabandi?ark ntakwihanira ubutungane bwuburund buhari
1er Kigarama 2016, 21:07, par Déo
Ntakuntu umunyeshuree yemerewe guhana uwundi kandi ngo bagireko bamwica ayo namakosa maremare ariko mwofata nyene gutabaza azane abobandi kuko ntivyumvukana kwica umuntu ataco ahogwa hubwo abize alategeko baramurabir ikint kimukwiy kubwanj baribzkwiye nab kumukurikira
2 Kigarama 2016, 20:39, par Sankoro
Atohoza Nakore Uwishe Ahanwe
3 Kigarama 2016, 06:21, par folmand
None ivyo bikozwe nimboneza ziri muri Rumuri sibara! Ivyo bicura iki kubanyagihugu batasomye. Mbe ko vuba buca bavamwo abarongozi bazohana gute bamwe bamaze igihe bihanira abarozi canke bazobaja imbere?
3 Kigarama 2016, 17:20, par ezekiyeri
amakuru abona
4 Kigarama 2016, 12:20, par Niyongabo Kabura
Abagira AmatohoZa Nibakomeze
4 Kigarama 2016, 12:38, par NIYUBUNTU ERNERT
Ayomamatohozamugira Jewe Nahovyatangura Nihonari Yari Umugenziwanje Abaribamufitiye Ibifu Bari Abantu 3,JEWENDIGAHA MUKININDO
8 Kigarama 2016, 20:20, par BUKURU DEO
MBANJEKUBACHIMIRA ABOBANTU AHUBWOBIHANE KUKO NABONE UWORABAMUMITIMA NTIBOSANGABERA BAKIRE UMWAMI YESU ABAHARIRE
17 Kigarama 2016, 09:13, par Niyonkuru Elie
Nibabandanye Amatohoza Hama Uwagirwa Nicaha Afatwe Hama Ahanwe?
19 Kigarama 2016, 05:18
Ivyo Turabimenyereye Ivyo Rindira Bizoherera Mumatohoza.