Accueil > Imico kama > Antime BARANSAKAJE amaze amezi atatu ku musego
Antime BARANSAKAJE amaze amezi atatu ku musego
mardi 22 Munyonyo 2016, par
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa ari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda amagara yiwe arabangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki. Uwo azwi cane mu bafashije mu guteza imbere ingoma z’Uburundi n’akaranga k’Uburundi asaba abagira neza hamwe na Reta kumugarukirako, kuko amafaranga akenewe kugira aje kwivuriza hanze atayo afise.
Hagati y’imiriyoni 13 hamwe na 15 z’amafaranga y’amarundi niyo umuryango wa Antime BARANSAKAJE uvuga ko akenewe kugira ajanwe kuvurirwa i Nairobi mu gihugu ca Kenya, canke mu gihugu c’Ubuhindi, nk’uko vyasabwe n’abaganga bamukurikiranye akigira iryo sanganya.
- Antime BARANSAKAJE ntagishobora gutambuka
Umuryango w’uwo mutama w’imyaka 81 usaba ko Reta y’Uburundi itokwirengagiza ako kamo k’ukumuvuza, kuko yakoreye igihugu. N’abandi bose babishoboye bakaba basabwe kugira ico baterereye.
Mu mwaka w’2014, ishirahamwe FOCODE ryarahaye agashimwe Antime BARANSAKAJE, yatowe nk’uwarushije abandi mu gikingira akaranga k’Uburundi.
BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.
IGIHE
Messages
22 Munyonyo 2016, 12:00, par Issa
Naho ashaje leta nimuhe amahigwe aje kwivuza ayo bomuhamvyemwo bayamuhe akiri muzima niyo akeneye ntakeneye amashugwe bazoja gushira ku mva yiwe
22 Munyonyo 2016, 12:37, par Nene Joy Nelson
Ababishoboye tumufashe kabisa ninekenerwa
22 Munyonyo 2016, 13:53, par CHADRACK
NTABAPFANE KUKO YATEJE IMBERE IGIHUG
23 Munyonyo 2016, 13:53, par Nzorubara
Mutama yihangane ahubwo yishire mu maboko y’Imana kuko nta Leta ihari yo kumufasha.
29 Munyonyo 2016, 12:44, par NDIWENUWONKIJIJE Donat
Mbe Ingoma Ni Iki Kumurundi?Iyo Tuba Tuzi Akamaro Kayo Hambere Aho,ntamajambo Meshi Twovuze Tudatabarije Iyontwari!Kanatsinda,yagwaniye Igihugu Rukamvye,naco Nikimugarukire:"ivyo Bihera Kunzego Zo Hejuru,gushika K’umwenegihugu Mutomuto"!!Ndakeneye Kumenya Vyishi Kungoma Z’ubwami I Burundi,iyambere Yabayeho Gute?Mbe Ho Yagiye Gute?Ubu Mbe Ntawomenya Aho KARYENDA Iri?Uwufs Vyishi Kuri Kahise K’ingoma Zacu Yobindungikira.
26 Nzero 2017, 10:10, par Niyongabo Elysé
Nn uyu mutama kuva akomeretse niyo pikipiki kugeza nubu ntarakira?
10 Ruhuhuma 2017, 14:19, par Ahishakiye Nikodemu
NONE EREPEA YARAGIYEBURUNDU