IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Igisongerezi mu giporisi ari mu minwe y’igiporisi yagirizwa (...)

Bubanza : Igisongerezi mu giporisi ari mu minwe y’igiporisi yagirizwa gushaka kwica umugore

samedi 10 février 2018

Amakuru ava ku mutumba Gahwazi, wa komine Mpanda aho uwo muporisi asanzwe aba, amenyesha ko Athanase NKUNZIMANA yari yaje mu karuhuko, yahagaritswe mu gatondo ko kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruhuhuma, inyuma yo kugerageza kwica umugore wiwe mw’ijoro ryo kuwa kane.

Amakuru ava mu begereye uwo muryango kur’uwo mutumba, amenyesha ko Athanase NKUNZIMANA yoba yagiriza umugore wiwe gutaha ijoro, akamwagiriza kandi ko yoba arenga ibigo.

Mu bajejwe intwaro bavuga ko muri uwo muryango umubano utari usanzwe umeze neza, ariko ababanyi hamwe n’abegereye uwo muryango bakabibeshuza.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.