Accueil > Amakuru > umutekano > Bubanza : Umugore n’umwana yari ahetse bishwe bakerewe izosi
Bubanza : Umugore n’umwana yari ahetse bishwe bakerewe izosi
dimanche 16 Gitugutu 2016, par
Barakamfitiye Beatrice yahora aba mu kigwati c’abateshejwe izabo muri komine Rugazi, mu ntara ya Bubanza, yishwe aciye umutwe n’abantu bataramenyekana, mu gatondo ko kuri uwu w’Imana. N’umwana w’imyaka ibiri yari ahetse bamutemaguye n’umupanga gushika aho yitaba Imana nawe.
Abanyagihugu begereye ahakorewe ubwo bwicanyi bamenyesha ko uwo mugore yishwe yari azindutse kurangura imihwi asanzwe adandaza, akaba yategerewe n’abantu bitwaje imipanga, baramutemagura, mu nyuma bamukerera izosi.
N’umwana w’umukobwa w’imyaka ibiri yari ahetse bamutemaguye, nawe nyene mu nyuma baramukerera izosi.
Ivyo biziga vy’abo bantu babiri vyabonwe ubwa mbere n’abanyagihugu bari bazindukiye gusenga, baca batabaza abajejwe intwaro.
Mu matohoza yakozwe n’igiporisi, abantu babiri nibo bamaze gufatwa, abo nabo akaba ari umugabo w’uwo mukenyezi, bikavugwa ko bari basanzwe babanye nabi. Uwundi yafashwe ni umwana w’uwo mukenyezi yishwe, uwo nawe akaba ari umusore yiga mu mashure yisumbuye.
Mu giporisi co muri komine Rugazi bamenyesha ko amatohoza abandanya.
IGIHE
Messages
16 Gitugutu 2016, 15:45, par Rwabujindiri
Ubwo bwicanyi nibwo buri kwibonekeza mu Rwanda na munsi ugihita tutumvishd abantu bishe abandi bakiCana batemanye kandi abakora ubwo bwicanyi ni bamenyekane. Ibiziga byirirw bitorwa mu. Bice bitandukanye byi gihugu
16 Gitugutu 2016, 16:08, par kanyosha
yishwe na ba sindumuja mujeri/ibiceri byinkoramaraso
16 Gitugutu 2016, 18:39, par edouard
Birababaje umuntu akora icaha kingana gityo kwica ico utari burye ndamwipfurije agakiza kabonerwa muri kristo yesu. Ntaratahura umuntu icarico!!!!!;
16 Gitugutu 2016, 21:29, par Méthode Irakiza
Ikintu Je Nobona Nuko Ababishe Bafashwe Nabonyene Bakwiye Guca Bicwa Kuko N,akandurokibara
16 Gitugutu 2016, 21:44, par BUCUMI NYABENDA
UWO MWANA NIBAMUREKE YIBANANIRIZ AMA SCHOOL YIWE
16 Gitugutu 2016, 21:58, par barikukivi
amatohoza yabarundi aratangaje kweri ! ! nyamba aruko ataho barigeza kubijanye nubuhinga bwanon !! ahomugomba kwemeza ko uwomuhungu yarikwicanyina? emwenaweyobayaravumwe : nkabarundi bamwebamwe baturyabatwicayeko
16 Gitugutu 2016, 22:15, par Karikurubu michel
Nifadikanije umubabaro numuryango wabuze bihangane kuko mwisi turingenzi Imana ibahekwihangana
17 Gitugutu 2016, 02:40, par budigoma
Umubi nuwugwanyareta.ariko abo bica nibicetutsi arikohutu nibayireke
17 Gitugutu 2016, 06:10, par Samuel
Abantu bamwe bafise umitima w’ubukoko bacafuza igihugu bajanwe mû bucamanza
17 Gitugutu 2016, 08:06, par Nsabimbona,Almas
Uwomwana,bamurenganije,ntiyokubahuka,kwica,umuvyeyi,wiwe,namushikiwe,abahora,urwanko,rurihagati,yase,nanyina,ahubwonibamurekure,amatohoza,akorwe,uwomwana,yidegemvya
17 Gitugutu 2016, 11:29, par Alidi Hicuburundi
Amatohoza muburundi????mbe ko muduhenda twebwe abanyagihugu,ninde yogira itohoza mugihugu kitagira amategeko.ni nde atazi ko atari imbonerakure zamwishe.nimumenye ko mwisho wenu uko.kandi ayomaraso muriko muranywa muzo yariha imbere yimana.
17 Gitugutu 2016, 15:50, par jonas
Alidi ubuntasoni? Uzobimenya ukozicaha urimuburundi nihuzomenya koharamategeko.imbonerakure murazanka me ntawuvumabimana yahezagiye.iyaburwanko mwazanka mwarimana ntanimwibisigaye. Uwomudamu n’umwana yazizubusa ntampamvuyukwicumuntu police korakazi mujejwe izonjavyi zikubitwintahe mugahanga. Murabona kokamuna?
17 Gitugutu 2016, 21:59, par None
Apu @ Jonas iyo mana yahezagiye imbonerakure umengo ni shatani, ntasoni ukavuga gutyo, ubwo wewe uri komanda wi imbonerakure ntawakurenganya.