IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Abantu 168 bafashwe n’igiporisi

Bujumbura : Abantu 168 bafashwe n’igiporisi

lundi 7 Myandagaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abo bantu bafashwe bari mu batuma mu gisagara ca Bujumbura haba umutekano muke, hamwe n’ubugizi bwa nabi bwama bwibonekeje.

Petero NKURIKIYE avuga ko abo bana basegerereza bakotwa ku bavyeyi babo mu bigwati biri ku nkengera z’igisagara ca Bujumbura, hamwe no mu ntara zegereye igisagara ca Bujumbura. Amahera yegeranijwe n’abo bana basega bagaca bayagabura n’abavyeyi babo bana.

Ku vyerekeye abagendana ubumuga basegerereza mu gisagara ca Bujumbura, umuvugizi w’igiporisi avuga nabo nyene bakotwa hagati mu gihugu amafaranga ibihumbi 70, bagaca babamanukana mu gisagara ca Bujumbura. Amahera baronse mu gusegerereza akagaburwa hagati y’abakose uwo agendana ubumuga hamwe n’imiryango yabo.

Umuvugizi w’igiporisi atera akamo abantu bose babijejwe ko bohaguruka kugira bagwanye burundu ivyo bikorwa bidashemeye, kuko kenshi abo bafatwa bahanwa abandi bakarungikwa mu ntara zabo, ariko kenshi ugasanga babisubiyemwo. Kubwa NKURIKIYE avugira igiporisi, icerekana ko abafatwa babisubiramwo naho bahanwa, n’uko bama ari babandi nyene.


Vianney BIKORIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.