IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura - Gasekebuye : Intwazangabo mu giporisi yapfuye irashwe na (...)

Bujumbura - Gasekebuye : Intwazangabo mu giporisi yapfuye irashwe na bagenzi we

samedi 10 Ruheshi 2017

Amakuru ava mu begereye ahabereye ubwo bwicanyi amenyesha ko, hari nk’igihe c’isaha zibiri n’igice z’ijoro ryo kuwa gatanu igenekerezo rya 9 Ruheshi 2017, igihe OPP1 Philippe MINANI yinjira mu kirindiro c’abaporisi kiri mu nzu ikiriko irubakwa, kw’ibarabara ryitiriwe Buki (Avenue BUKI).

Ayo makuru nyene amenyesha ko inyuma y’umwanya muto, uwari hafi yaho yumvise urwamo aca yibaza ko boba bariko bashwana kubera banyoye inzoga, ariko mu nyuma yumvise inkoho baca bamubwira ko ari OPP1 Philippe MINANI ahejeje kuraswa kandi yitavye Imana.

JPEG - 108.3 ko
Ku kirindiro c’abapolisi aharasiwe OPP1 Philippe MINANI

Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter yemeje ayo makuru, aho yavuze ko OPP1 MINANI Philippe yishwe isaha zibiri n’igice z’ijoro mu Gasekebuye, kandi abaporisi babiri bamurashe bamaze gufatwa.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.