Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura-Rural : Abantu babiri bapfiriye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko (...)
Bujumbura-Rural : Abantu babiri bapfiriye mw’isanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa Probox
lundi 25 décembre 2017
Iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha icumi na zibiri n’igice kw’ibarabara ry’igihugu RN1 riva mu gisagara ca Bujumbura, rigana intara ya Ngozi.
Umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE abicishije ku rubga rwa Twitter yemeje ayo makuru, akaba yamenyesheje ko abantu babiri aribo bitavye Imana, uwo mwanya nyene.
Ryabaye isanganya rya kabiri rikomeye ryabaye kur’uyu w’Imana, inyuma y’irindi ryabereye mu ntara ya Bujumbura Rurarl nyene, kw’ibarabara ry’igihugu RN7, aho imodoka y’ishirahamwe OTRACO yatembagaye, abantu indwi baritaba Imana, 47 nabo barakomereka.
MUGISHA Van Naris