IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Bujumbura : Umuporisi yarashe bagenzi we umunani

Bujumbura : Umuporisi yarashe bagenzi we umunani

jeudi 2 Ruhuhuma 2017, par Egide NDUWIMANA

Amasasu yarumvikanye mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu nk’igihe c’isaha umunani z’ijoro mw’ikambi y’igiporisi c’i Bujumbura kijejwe uruja n’uruza. Yari umuporisi azwi kw’izina rya NDUWIMANA Samuel yuguruye umuriro, arasa bagenzi we abasanze aho baryamye.

OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha uwo yarashe ari umuporisi yakomerekeje n’amasasu abandi baporisi umunani.

JPEG - 38.2 ko
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi

Ahejeje kubarasa, nawe yarirashe, arikomeretsa nk’uko awo avugira igiporisi abishikiriza.

Mu giporisi ntibaramenya icatumye uwo muporisi arasa abo bakorana, bakavuga ko amatohoza yatanguye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.