Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Abantu indwi bakomerekeye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
Bururi : Abantu indwi bakomerekeye mu gitero c’abitwaje ibirwanisho
vendredi 16 Kigarama 2016, par
Abantu indwi barimwo abaporisi batatu bakomerekeye mu gitero cakozwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa kane, mu ntara ya Bururi, kw’ihoteri bita "Phoenicia". Mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero ari abantu babiri bari bitwaje inkoho. Abagera kuri 20 akaba aribo bamaze guhagarikwa ku mvo z’amatohoza.
OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, amenyesha ko ico gitero cabaye nk’igihe c’isaha zibiri z’ijoro, aho abantu babiri bitwaje inkoho barasa mu bariko banywera muri "Hôtel Phoenicia", mu ntara ya Bururi. Mu bakomerekeye muri ico gitero harimwo icegera c’umukuru w’igiporisi mu ntara ya Bururi, uwutwara igendereza muri iyo ntara, hamwe n’umwe mu baporisi bacungera uwo atwara igendereza muri iyo ntara. Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi akamenyesha ko atawokwihutira kwemeza ko abateye barondera abo baporisi. Ahubwo OP1 Pierre NKURIKIYE avuga ko ari igitero c’iterabwoba cakozwe. Abakomeretse bose bariko bavurirwa mu bitaro bikuru vy’intara ya Bururi.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero babanje gutera gerenade zibiri, mu nyuma barasa n’inkoho zo mu bwoko bwa Pistolet. Baciye bacunga bafashe inzira ija kw’isoko, ari naho hafatiwe abantu bagera kuri 20, ku mvo z’amatohoza.
Mu giporisi bakavuga ko abakoze ico gitero bashobora kuba bari muri abo bantu 20 bafashwe.
IGIHE
Messages
16 Kigarama 2016, 11:09, par Nkurikiye1
abarundi bose uwasgaka kubica yobasanga mu ma Bar, naravuze ko mutazi gucungera umutekano none nkibururi muziko hatameze neza, abo bayobozi binzego zumutekano Bose birundira mukabari atanabantu basigaye hanze bacungereye umutekano, niyo baba batambaye impuzu zigipolice ariko bafise inkoho zibyegeje. muzaze ngaha mu Rwanda babigishe uko bacungera umutekano, ucungera umutekano si uwambaye impuzu zigipolice gusa kandi ntagenda ahantu hose avuga akazi akora kugira bamutinye canke bamugurire ibiyeri. abarundi muri ibijuju kabisa, amahoro ararondegwa hanyuma agatsimbatazwa mugabo bisaba ubwenge bwinshi cane apana ubwiyemezi.
16 Kigarama 2016, 11:10, par Nkurikiye1
abarundi bose uwasgaka kubica yobasanga mu ma Bar, naravuze ko mutazi gucungera umutekano none nkibururi muziko hatameze neza, abo bayobozi binzego zumutekano Bose birundira mukabari atanabantu basigaye hanze bacungereye umutekano, niyo baba batambaye impuzu zigipolice ariko bafise inkoho zibyegeje. muzaze ngaha mu Rwanda babigishe uko bacungera umutekano, ucungera umutekano si uwambaye impuzu zigipolice gusa kandi ntagenda ahantu hose avuga akazi akora kugira bamutinye canke bamugurire ibiyeri. abarundi muri ibijuju kabisa, amahoro ararondegwa hanyuma agatsimbatazwa mugabo bisaba ubwenge bwinshi cane apana ubwiyemezi.
16 Kigarama 2016, 12:17, par Proud to be rwandan
Ko mwibagiwe kutubwira ko ari u Reanda rwabatumye? Uyu muvugizi bibagiwe noneho kubi mwandikira?
16 Kigarama 2016, 12:33, par Anna Munezero
Wowe wiyise Nkurikiye , ndakumva gose, mugabo ico womenya nuko abo bagabo bahoze mwishamba ari impabe muvyo kurya no muvyo kurya ncuti,bagomba kwiriha aho bari barashonje!Bamotewe nakanyama!!!!!!Huuuuuuhaaaaa!
16 Kigarama 2016, 14:19, par Kararuza
Nkulikiye ko yibagiwe kuvuga ko batumwe n’u Rwanda?ikibazo ni rwacu twebwe Abarundi, ntimukabeshere Abanyarwanda
16 Kigarama 2016, 17:01, par SODA JOSEPHAT
AHO NISAWA.IGIHUG NICOGIR ABAGAB NKAB.IKIBABAJE NUK BIHERER MUMTATOHOZ.
16 Kigarama 2016, 19:35, par Félix Muhire
Jewe nta politike ngira, ariko nkurikije ibirere bivugwa bibera mu muri Bars abantu bariko baranywa, wosanga ari Imana ibereka ko abarundi bakwiye kwihana ibiboreza.Gukunda inzoga no kugorobeza mu kabare biriko birahitana benshi .Kandi ntibihesha Imana icubahiro. Gupfira mu kabare ntibisiga umugani mwiza. Mana yacu uduhe kwihana no kwirinda kunywa ibiboreza
16 Kigarama 2016, 19:36, par .
Jewe nagira nabahanganye nabajejwe umutekano bu Burundi bakabanza bakabereka icobize.
Ivyovyovyo vyogukora ubwihevyi nkubwo ukacawiruka ntanahamwe bidakorwa mubihugu vyokw’Isi.
Jewe abonigeze kwemera nibamwe batera Cibitoke na Kayanza kuko abajejwe umutekano wuburundi baciye baronka akaryo kokwerekana abobaribo.
16 Kigarama 2016, 21:01, par Nema
Ega Nabakozi Bakagame Bizwi Ugira Hariho Uwundi Agiteyisibe ?
16 Kigarama 2016, 21:24, par Mugeto
Muri,yimisi,irangiza,umwaka,muragabe,mube,muja,kumywera,mumihana,yanyu.Na,al,shabab,izotegera,mububare,izobatsindayo.Ntawushaka,agateka,atekeye,muvyatsi.
16 Kigarama 2016, 23:45, par The real Rwandan
@proud to be Rwandan : None wa gihunyira we ninde uyobewe ko abo bicanyi batorezwa hano i Rwanda. Nukuri uri igihunyira cy’icyomanzi.
17 Kigarama 2016, 20:41, par Evariste
Uwo avuze ngo uwokwica abarundi ngo yobasanga muri bar? baragushuka uraz uzorabe kutahabonera.
17 Kigarama 2016, 20:42, par Evariste
Uwo avuze ngo uwokwica abarundi ngo yobasanga muri bar? baragushuka uraz uzorabe kutahabonera.
17 Kigarama 2016, 22:09, par Mpitabakana séverin
Reta iraraba ingene ihigira abacungera umutekano vy,abihuzu ,n,avyabiduga bitamenwa n,amasasu.Harya bari kuri mission y,ukwica abo bategetsi, noneho umuntu apfa umusi wiwe wageze.Birababaje kubona abantu batobato hakuronderera kazoza abana babo aruguca ingero gusa yokwica,bigatuma n,abana babo bazokurana ingeso z,abase kubera bataziganirijwe .
18 Kigarama 2016, 14:16, par Cédrick
Jewe Nibaza Ko Boronderera Murabonyene
18 Kigarama 2016, 17:15, par Kanyarwanda
Demain les vendeurs du genocide vont manifester. Ã . Bruxelles contre le gouvernement Burundais. Il s’agit d’Ibuka, les criminels Sindumuja et leurs pions blanc .
18 Kigarama 2016, 20:16, par Muyaga Paul
Abo bacuruzi ba genocide ngo ni ibuka nibagumane itunga ryabo mu Rwanda abarundi ntaryo bakeneye.
19 Kigarama 2016, 03:44, par Burundi
Iyo nyega yanyu niyo izobamara. Mwama mu bubare aho gucungera umutekano w’igihugu, reka ba bamate kuko muzi kunwa primus conyene. Muri imihimbiri.
19 Kigarama 2016, 12:58, par uzonyihakana kwisi
egosha nkuru yikiwani tubwire ikiwani cunomuusi naco
22 Kigarama 2016, 21:36, par Mwizero Didier
Nabo Baporisi Bakwiye Guhanwa Abandi bacungerera Umutekano Muri Hotel?
25 Kigarama 2016, 19:23, par kico
nkurikiye no 1
murubwo bwicanyi uri no 1 urabizi nawe ;nta Murundi akeneye kwiga ubwo bwicanyi bwanyu;nabo muriko mubwigisha ;ntambaraga bagifise na kagame zamuheranye ;tuzoreba mumisi iza:hilaly clinton na clintoni inkokora zavunitse ;
Namwe nyine ni makombokombo marupurupu wakati wenu umekalipiya ;ucokoza rukere mumwobo ikakunyara muryahumye rikagirirako ;utubatse urwe ntiyubaka urwundi ;kajisemeye mwisho wako utanyamaa.....karibuni na ubwege wako mwisho utaelekea