Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi: Umugabo yapfuye arashwe n’abantu batamenyekanye
Bururi: Umugabo yapfuye arashwe n’abantu batamenyekanye
jeudi 31 Myandagaro 2017
Amakuru ava ku mutumba Donge-Burasira, komine Mugamba, intara ya Bururi, amenyesha ko Gaspard NIYOKWIZERA yitavye Imana nk’igihe c’isaha zitatu z’ijoro arashwe ariko arataha avuye mw’isoko y’i Tora aho yari yashoye inka.
Ayo makuru nyene akamenyesha ko igiporisi kimaze kuhashika mu gatondo ko kuri uno wa kane igenekerezo rya 31 Myandagaro 2017, basanze amafaranga yari afise akiyafise.
Uwo Gaspard NIYOKWIZERA yishwe yari yasubijwe mu buzima busanzwe avuye mu gisirikare ca Reta (Ex FAB).
MUGISHA Van Naris
Messages
1er Nyakanga 2017, 09:09, par kigabo jean marie
ngo yishwe n’abantu batazwi ego murakoze kuduha iyo nkuru yahora mu gisoda cakera ego murakoze kubw’iyo nkuru. ariko mwibuke nkuru yivugira izuba riva ko abo bose batemera icyiringo ca gatatu bazohera nk’ifu y’iminjira.... none hari uwo kekeranya kuwugandagura abo bantu.ni nkurumbi ntawundi.