Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mw’isanganya (...)
Bururi : Umuntu umwe yitavye Imana, 5 barakomereka mw’isanganya ry’imodoka
samedi 26 mai 2018
Amakuru ava mu bajejwe intwaro mu ntara ya Rumonge, amenyesha ko iryo sanganya ry’imodoka yo mu bwoko bwa Prado, ryabaye nk’igihe c’isaha umunani kur’uyu wa gatanu ku rubibe intara ya Bururi ihana n’intara ya Rumonge.
Iryo sanganya ryabereye mu gace kitwa Kibira, ku mutumba Kiganda, wa komine Bururi n’intara ya Bururi, ahazwi kw’izina rya Honga.
Ayo makuru amenyesha ko abakomeretse baciye bajanwa mu bitaro vy’intara ya Bururi.
MUGISHA Van Naris
Messages
28 mai 2018, 21:23, par NShimirimana Egide
Imana Imwakire Mubwami Bwayo