Accueil > Amakuru > umutekano > Bururi : Umutama w’imyaka 65 yishwe n’umuhungu wiwe
Bururi : Umutama w’imyaka 65 yishwe n’umuhungu wiwe
mercredi 23 mai 2018
Uwo mutama yishwe n’umuhungu wiwe, azwi kw’izina yahora aba ku gacimbiri Rukoma, umutumba Taba, komine Songa, intara ya Bururi.
Amakuru ava mu babanyi b’uwo mutama, amenyesha ko Gilbert MBONYINGINGO, yishe se wiwe amuhora ko yamurengereye mw’itongo, aho yari asanzwe arima.
Haba mu bajejwe intwaro canke mu bajejwe umutekano mu ntara ya Bururi, bavuga ko bakiriko barakora amatohoza, imbere y’uko bagira ico bashikirije.
MUGISHA Van Naris
Messages
24 mai 2018, 07:29, par ABUDALAZIZU SAÃ D
Yemwe yemwe ubuko tugiye kwiberaho turutwa nibikoko mukubana neza !uuuuuha !ubuse kamwishe azobujana muvamva nawenapfa ese IMANA nimubaza icoyamwiciye azosubiziki !?dutinye IMANA tureke kwicana kuko tuzabibazwa.
26 mai 2018, 16:43, par nsavyimana fulgence
yooooooo !!!!! none ubu umuntu arutwa nimpene kabisa a
26 mai 2018, 21:31, par Nahimana Athanase
Ivyubu Nihatari Pe !Kumusi Kumusi Abapfa Mana We Garukiruburundi Nabarundi Kuko Ibironderubuzima Bwumuntu Nivyinshi !Bible Ngumwansi Wumuntu Azobuwomunzu None Ngivyo Nivyovyeze None Tuvahe Tukajahe ?