IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abantu 3 baritavye Imana, 43 barakomereka baguweko (...)

Buterere : Abantu 3 baritavye Imana, 43 barakomereka baguweko n’inzu

samedi 17 mars 2018

Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko inyuma y’abatowe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 iyo nzu igihenuka, ata bandi basubiye gutorwa.

Iyo nzu y’igorofa yahenutse mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igihe abakozi bariko bashirako igisenge ku nzu igira kabiri uduga mu kirere, bakoresheje isima n’umusenyi (beton).

Amakuru yavuye ahariko hubakwa iyo nzu, yamenyesheje ko umwe mu bitavye Imana yoba ari umukenyezi nyene inzu, yari yazindukiye muri ico kibanza kuraba aho ibikorwa bigeze.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.