Accueil > Amakuru > umutekano > Buterere : Abantu 3 baritavye Imana, 43 barakomereka baguweko (...)
Buterere : Abantu 3 baritavye Imana, 43 barakomereka baguweko n’inzu
samedi 17 mars 2018
Pierre NKURIKIYE avugira ubushikiranganji bw’umutekano, amenyesha ko inyuma y’abatowe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ntwarante 2018 iyo nzu igihenuka, ata bandi basubiye gutorwa.
Iyo nzu y’igorofa yahenutse mu gatondo ko kur’uyu wa gatanu igihe abakozi bariko bashirako igisenge ku nzu igira kabiri uduga mu kirere, bakoresheje isima n’umusenyi (beton).

Amakuru yavuye ahariko hubakwa iyo nzu, yamenyesheje ko umwe mu bitavye Imana yoba ari umukenyezi nyene inzu, yari yazindukiye muri ico kibanza kuraba aho ibikorwa bigeze.

MUGISHA Van Naris
Messages
17 mars 2018, 16:21, par JEAN MARIE
ABABUZE ABABO NDABAHOJJ IMANA IBAKIR MUBWAMI BWAYO
18 mars 2018, 12:25, par Nduwima Navena
Kubwanje Ndihanganisha Igihugu :nababuriye Murayomasanganya Kuko Igihugu Nabeni Gihugu Turahonvye ! Imana Nidufashe.