Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Buyenzi:Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu muserege - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Buyenzi:Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu muserege

Buyenzi:Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu muserege

mardi 16 janvier 2018

Amakuru ava aho mu Buyenzi amenyesha ko abazindukiye mu mirimo basanze ico kiziga mu muserege ujana amazi, ariko amamuko yiwe n’umwidondoro wiwe bikaba bitamenyekanye.

Abakorera hafi y’ico kibanza bakamenyesha ko ashobora kuba hayashizwe n’inkozi z’ikibi zihejeje kumugandagura, zimunize.

Ico kiziga kikaba cahavuye gutwarwa na rusehabaniha, kijanwa mu buruhukiro bw’ibitaro bimwe biri mu gisagara ca Bujumbura.

Mu giporisi c’Uburundi baremeza ayo makuru ; umuvugizi w’igiporisi Pierre NKURIKIYE amenyesha ko uwo yatowe ikiziga azwi kw’izina rya NDAYISABA Joachim yavuka muri komine Buraza, intara ya Gitega.

Pierre NKURIKIYE avuga ko yoba yishwe n’abagenziwe bakorana ubusuma bwo kwiba mw’ijoro, bamuziza terefone ngendanwa boba bari bivye mu micungararo y’aho yatowe ikiziga.

Umuvugizi w’igiporisi amenyesha ko abantu batanu bakorana ubusuma bamaze gufatwa ku mvo z’amatohoza.


MUGISHA Van Naris

Messages

  • Ibintu nkivyo birashobra kuba ahantu hari uruja nuruza nkarurya sagahomera bunwa umutekano wigihugu wifashe nabi igiporisi umengo kijejwe kwinyegeza .ubwo nuburangazi bwabapilice kuk inkoz yikibi yakoze ivyo vyose ntakuntu nakumw itomenyekana .

  • Ico kiziga ko kitavuga, bamenye gute abo bisangiye ubusuma !!!
    Uyo murwi w’ibisuma polise yarisanzwe iwuzi rero !!

  • Nyamba Yarigisuma Ntamahungiro Kuko Abakora Benivyo Umugaban Wabo Ni Mukiyaga Caka Umuriro Namazuku Mutegur Inzira Zanyu Hakiboneka Akanya Ko Kwihana

  • Nukuri Ivyaha Vyabaye Umurengera Mu Burundi Bwacu.None Ababikora Ko Twumva Ngo Barafatwa,babacira Uruhe Rubanza ?Ko Twumva Ngo Amatohoza Yatanguye,none Ko Batatubwira Icayavuyemwo ?Ni Babe Batomora Neza Ibihano Batanze Niho Na Nyavyaha Vyogabanuka.Murakoze.Ndi I Burundi , Intara Ya Karusi, Komine Gitaramuka

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.