Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CHAN2018 : Imirwi yavuye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yasezeye (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > CHAN2018 : Imirwi yavuye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yasezeye (...)

CHAN2018 : Imirwi yavuye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko yasezeye ihiganwa

mercredi 24 janvier 2018

Urukino ruhuza umurwi nserukiragihugu w’Urwanda n’uwa Libiya rwabaye mw’ijoro ryo kur’uyu wa kabiri, igenekerezo rya 23 Nzero 2018, nirwo yari amahirwe ya nyuma yo kubona igihugu c’Urwanda mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Imbere y’uko urukino ruba, umurwi nserukiragihugu w’Urwanda wari ufise amanota 4, nayo umurwi nserukiragihugu wa Libiya wari ufise amanota 3, inyuma yo gutsinda uca ukwiza amanota atandatu.

Umurwi nserukiragihugu w’Urwanda wasabwa gusa kunganya, kugira uronke amahirwe yo kubandanya ihiganwa.

Mu muiwi C warimwo Nijeriya, Libiya, Urwanda na Cote d’Ivoire, imirwi nserukirabihugu ya Nijeriya na Libiya, niyo yaronse amahirwe yo kubandanya mu gice ca kane gishira ica nyuma.

Inkino z’igice ca kane gishira ica nyuma kizotangura ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 27 Nzero 2018.


BUKURU Pacifique

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.