IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du monde2018 : Umurwi wa gatatu muyaserukiye Afrika watsinzwe urukino (...)

Coupe du monde2018 : Umurwi wa gatatu muyaserukiye Afrika watsinzwe urukino rwa mbere

dimanche 17 juin 2018

Urukino rwa mbere rwo kur’uyu wa gatandatu, rwahuje umurwi w’Ubufaransa n’umurwi wa Australia, umurwi w’Ubufaransa watsinze Australia ibitsindo bibiri kuri kimwe, vyinjijwe na Antoine Griezman na Paul Pogba.

Urukino rwa kabiri rwahuje Argentine na Irlande, iyo mirwi yose yaranganije igitsindo kimwe ku kindi, umukinyi Lionel Messi akaba yarahushije panariti ku ruhande rwa Argentine.

Mu rukino rwa gatatu rwahuje umurwi wa Perou n’umurwi wa Danemark, urwa rukino rwaheze ku ntsinzi ya Danemark y’igitsindo kimwe ku busa, naho nyene umurwi wa Perou waronse penariti ariko umukinyi wayo akayihusha.

Mu rukino rwa nyuma rwo kur’uyu wa gatandatu, umurwi wa Croatie wakinye na Nijeriya, umurwi wa gatatu muri itanu yaserukiye Afrika, urwo rukino rwaheze ku ntsinzi ya Croatie y’ibitsindo bibiri ku busa.

Mwomenya ko mu bahagarikizi bahagarikiye urukino rwahuje Perou na Danemark umwe muri babiri bo ku ruhande yari umurundi, Jean Claude BIRUMUSHAHU.


MUGISHA Van Naris

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.