IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Inkino > Amahiganwa > Coupe du Monde : Henry Kane ku rutonde mfatakibanza rw’abinjiza ibitsindo (...)

Coupe du Monde : Henry Kane ku rutonde mfatakibanza rw’abinjiza ibitsindo vyinshi

lundi 25 juin 2018

Henry Kane yatanguye kwiyerekana mu rukino rwa mbere, igihe umurwi w’Ubwongereza watsinda umurwi wa Tiniziya ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyose vyinjizwa na Henry Kane.

Gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, imbere y’urukino rwahuje Ubwongereza na Panama, Henry Kane yari afise ibitsindo bibiri gusa, ariko muri urwo rukino niho nyene yaciye imbere abakinyi nka Cristiano Ronaldo wo muri Portugal na Romeru Lukaku wo mu Bubirigi bafise ibitsindo bine, inyuma yo utsinda ibitsindo bitatu wenyene.

Ku rutonde mfatakibanza, bimeze uku :

1. Henry Kane (Ubwongereza) : Ibitsindo bitanu
2. Cristiano Ronaldo (Portugal) : Ibitsindo bine
3. Romeru Lukaku (Ububirigi) : ibitsindo bine
4. Denis Sheryshev (Uburusiya) : ibitsindo bitatu
5. Diego Costa (Espagne) : Ibitsindo bitatu
6. Artyom Dziouba (Uburusiya) : ibitsindo bibiri
7. Ahmed Musa (Nijeriya) : Ibitsindo bibiri
8. Eden Hazard (Ububirigi) : Ibitsindo bibiri

Kur’uno wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018, imirwi itangura gukina inkino za gatatu zo mu mirwi. Uburusiya bukina na Uruguay, Misiri ikine na Arabie Saoudite.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.