Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
CNARED ntizokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Poritike > CNARED ntizokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro

CNARED ntizokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro

mercredi 4 Ndamukiza 2018, par Egide NDUWIMANA

Mu nama y’abagize urwego nyobozi rwa CNARED yabereye mu gisagara ca Bruxelles mu gihugu c’Ububirigi kuva kw’igenekerezo rya 24 gushika kurya 26 Ntwarante 2018, hari ingingo zafashwe n’abagize urwo rwego nyobozi rwa CNARED. Zimwe murizo akaba ari uko abo batavuga rumwe n’ubutegetsi batazokwemera ibizova mu matora y’ibwirizwa shingiro.

Mw’itangazo CNARED yasohoye kuri uwu wa gatatu, bamenyesheje ko biteguriye kwitaba ibindi biganiro vyotumwako n’umuhuza, ariko ko ica mbere bobanza gusaba kugira bitabe ivyo biganiro, ari uko ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ryohagarara.

JPEG - 60.8 ko
Yohani MINANI, umukuru wa CNARED

CNARED isaba amakungu hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko, ko bobandanya kwumvisha Reta y’Uburundi ko yohagarika ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro.

Iryo tangazo rya CNARED ryateweko umukono na MINANI Jean umukuru wa CNARED

NDENZAKO Aline, Icegera ca mbere c’umukuru wa CNARED

MUDEREGA Pamphile, Icegera ca kabiri c’umukuru wa CNARED

NIYONKURU Anicet, umukuru w’umugambwe CDP, akaba n’umunyamabanga nshingwabikorwa wa CNARED

CIMPAYE Pancrace, Umuvugizi wa CNARED

NTAVYOHANYUMA Pie, yahoze ari umukuru w’inama nshingamateka y’Uburundi

BUSOKOZA Bernard, yahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

RUFYIKIRI Gervais, yahoze ari icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

BAMVUGINYUMVIRA Frédéric, umukuru w’umugambwe SAHWANYA FRODEBU akaba n’uwahoze ari icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu c’Uburundi

HATUNGIMANA Léonidas batazira "Tout Autre", yahoze ari umuvugizi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA, akaba yatanguje umugambwe witwa PPD-GIRIJAMBO

Minani Jérémie, umukuru w’umugambwe RDB

MINANI Sévérin yaserukiye umugambwe FRODEBU-NYAKURI, Iragi rya Ndadaye, ishami rirongowe na Jean MINANI.

MUGWENGEZO Chauvineau, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPD-ZIGAMIBANGA

NAHAYO Julien, umunywanyi wa CNARED

NDAYIKENGURUKIYE Jean Bosco, umukuru w’ishami ry’umugambwe KAZE-FDD

NDITABIRIYE Dismas, umukuru w’ishami ry’umugambwe RADDES, yaserukiwe na KABUYENGE Emmanuel)

NDITIJE Charles, umukuru w’ishami ry’umugambwe UPRONA

NGENDAKUMANA Jérémie yahoze ari umukuru w’umugambwe CNDD-FDD.

NIMUBONA Zénon, umukuru w’umugambwe PARENA-IMBOGORABURUNDI (yaserukiwe na KAMEYA Eméry)

NYANGOMA Léonard, umukuru w’umugambwe CNDD (yaserukiwe na NDIKUMANA Nephtali)

NZOBAMBONA Prosper, umukuru w’umugambwe NADDEBU

SINDUHIJE Alexis, umukuru w’umugambwe MSD, (yaserukiwe na NZEYIMANA Abdoul).


Egide NDUWIMANA

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.