Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Cameroun : Uwahora atunganya ibikorwa vy’ukurwanya Boko Haram yitavye (...)
Cameroun : Uwahora atunganya ibikorwa vy’ukurwanya Boko Haram yitavye Imana
mardi 24 Nzero 2017, par
Indege y’igisirikare ca Cameroun yo mu bwoko bwa kajugujugu yakorotse hafi y’urubibe mu gice c’uburaruko ico gihugu gihana na Nigeria, ihitana umu "Commandant" w’ingabo z’igihugu.
Général Jacob Kodji, yapfuye mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igihe kajugujugu yarimwo yakoroka hafi y’ahitwa Bogo, bari mu bikorwa vyo kugenzura akarere, nk’uko bishikirizwa n’umutegetsi mu gisirikare ca Cameroun.
Général Kodji niwe yatunganya ibikorwa vyo kurwanya umuhari w’iterabwoba wa Boko Haram.
- Général Jacob Kodji
Abategetsi batangaza ko abandi basirikare batatu hamwe n’abandi batwara iyo ndege bapfanye nawe.
Umuhari wa Boko Haram watanguriye intambara muri Nigeria, mu nyuma utandukira mu bihugu bibanyi birimwo Cameroun, Tchad hamwe na Niger.
Umuhari wa Boko Haram umaze kwica abarenga ibihumbi 25, uvana mu zabo abashika imiriyoni 2.3, nkuko bishikirizwa n’amashirahamwe aharanira agateka ka muntu hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.
IGIHE
Messages
24 Nzero 2017, 14:43, par Cobla Rouge
Imana Ibakire Nabayo
24 Nzero 2017, 21:20, par Nema
Naho Biruko Abipfuza Ubutegetsi Bitwaje Itera Bwoba Nibacire Birarura .
24 Nzero 2017, 23:06, par Serupyipyinyurimpyisi Gaspard
Harya Boko Haramu ngo ni kimwe na CNAREC. Ni munsobanurire kuko politique yo muburundi sinyizi. Gusa numvise ko zose (mujeri CNAREC #Boko Haramu) bose ari aba terroristes.
25 Nzero 2017, 01:42, par Nzeyimana
Imana ibakire mubwami bwayo.