Accueil > Amakuru > umutekano > Cankuzo-Mutukura :Caporal Ntahomvukiye yagirizwa kurasa Major Dieudonné (...)
Cankuzo-Mutukura :Caporal Ntahomvukiye yagirizwa kurasa Major Dieudonné Karashira yitavye Imana
vendredi 27 Nzero 2017
Inyuma yo kurasa Major Dieudonné Karashira,umusirikare caporal Ntahomvukiye nawe yaritavye Imana kuwa kane igenekerezo rya 26 Nzero umwaka wa 2017.
Amakuru ava mw’ikamboi yo ku Mutukuira mu ntara ya CANKUZ,amenyesha ko Caporal NTAHOMVUKIYE yoba yapfuye yiyahuye,ayandi nayo akavuga ko yoba yarishwe ahejeje kwishikana.
Ayo makuru nyene avuga ko caporal Ntahomvukiye yarashe Dieudonné Karashira igihe yari amusanze aho arara agiye kumuhagarika,kubera yagirizwa ko yba afise ico azi ku gitero cabaye kw ;ikambi y’abasirikare ku Mukoni,mu ntara ya Muyinga.
Mu gisirikare c’Uburundi babicishije k’umuvugizi Colonel Gaspard BARATUZA,yavuze ko iraswa rya Major Dieudonné Karashira ari isanganya ryabaye,kuko kugira umusirikare ahagarikwe bifise uko bikorwa,agahamagarwa n’ahakorera uwumurongoye.
IGIHE
Messages
27 Nzero 2017, 14:02, par Kararuza
Bunyoni aracabica kamwe kamwe,iryo n’iragi rya Peter Nkurunziza
27 Nzero 2017, 14:55, par kanyana
ariko abo basoda ntibopfuma baja kugwa iwabo nukuri none ko baratuza yavuzeko uwambere ari isanganya uwo wa kabiri nawene ni sanganya.? AHO KUMUHAMAGARA NGO AJE IMBERE YI NTAHE Baciye bica? erega bishe ukuri none bazobaza nde uwo bari kubaza bamwishe? emwe hagowe uwo umwe azosigara kuko baramaranye kweli
27 Nzero 2017, 19:24, par Hutsi
Yaba uyumwanditsi inyabdikoziwe zijanye nogupinga ivyindongozi zigihugu cacu zibazavuze ahusanga arondera amajambo yagatsinde kundongozi zigihugu cacu zibazavuze ariyo ahengekerezako, yaba abatanga ivyiyumviro bahengekereza kundongozi zacu amajambo yagatsinde, ivyobavuga vyose ntanahamwe tozokwigera tubihagaciro, kiretse kwumviriza gusa ivyo indongozi zacu zibazivuze.
Baratuza wacu nakomere kwibanga turamushigikiye %
28 Nzero 2017, 06:48, par Manirakoze Samson Gwez Love
Abo Basi Bamahoro Mabakurikirane Bereke Kudusubiza Inyuma.Akica Mugenziwe Pepe!!Turaridiriye Ugwo Muzomucira Nawe.
28 Nzero 2017, 10:22, par WARUMONGE
Abandikivyo Ntibumvira Amakuru Avugako Umusirikareyise Kwamuminweyinyamiramabi Lekukurigukore
28 Nzero 2017, 17:16, par jean
Izo zibaye insanganya zibiri selon LE porte parole De l armee
28 Nzero 2017, 17:30, par SERGES SINZINKAYO
IGISIRIKARE MUBE MASO.
28 Nzero 2017, 17:39, par SERGES SINZINKAYO
NIKUKI ABASODA BAGUMA BICIRWA MUMAKAMBI?
30 Nzero 2017, 05:34, par Kazungu Remi
Umugabumwe niwe yavuze ngo hagupfa nkibwa wobimva. Hako woza kwicwa uhorwa umwikeko, wo pfuma upfa wisasiye, uwo niwe yapfuye nkumugabo. Kuko yari yarize kurasa vyukuri, abandibo baribesha ngobarize kurasa, nabandi baribakwiye kuhatorera icirwa, ntakwicwa nkintama ntikibaho.
30 Nzero 2017, 05:36, par Ntakirutimana Jonatan
Hakubibwa wobimva, nubwo yoba ya pfuye, yapfuye nkumugabo.
4 Ruhuhuma 2017, 22:46, par Ndayishimiye Ezechiel
Uwo Musirikare Namba Ariwe Yabikoze Arakwiye Kwicwa Kuko Yaratwiciye Intwari.Ariko Barabe Ntibamuhore Ubusa.