IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cankuzo : Umwigisha umwe yaritavye Imana abandi barakomereka mw’isanganya (...)

Cankuzo : Umwigisha umwe yaritavye Imana abandi barakomereka mw’isanganya ry’imodoka

mardi 6 février 2018

Uwo mwigisha yitavye Imana azwi kw’izina rya Pontien NTAKARUTIMANA, akaba yari asanzwe y’igisha kw’ishure ryisumbuye rya Murore, Lycee Murore, riri muri komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Nk’uko amakuru dukesha umwe mu bigisha bakora kw’ishure ryisumbuye rya Murore mu ntara ya Cankuzo, amenyesha ko iryo sanganya ryabaye nk’igihe c’isaha zitandatu n’igice, ku mutumba Nyuro, wa komine Gisagara, intara ya Cankuzo.

Abakorana n’uwo migisha yitavye Imana bavuga ko , icatumye haba iryo sanganya ar’uko imodoka yacitse amafire ica iseka inkombe yibarabara hanyuma iratemba,mu gihe yari ivanye abigisha n’abanyeshure mu birori vyo kwibuka imyaka 27 iheze hashizweko umukono ku masezerano y’Ubumwe bw’abarundi.

Pontien NTAKARUTIMANA,umwigisha yari kumwe n’abandi hamwe n’abanyeshuri yaciye yitaba Imana ubwo nyene, mu gihe abandi harimwo n’abanyeshuri bakomeretse harimwo n’ababaye cane.

Abakomeretse ubu bakaba bariko bavurirwa ku bitaro bikuru vy’intara ya Cankuzo abandi nabo ku bitaro vya Murore.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.