IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Imiryango 5 yarahunze itinya kwicwa kubera kwagirizwa (...)

Cibitoke: Imiryango 5 yarahunze itinya kwicwa kubera kwagirizwa uburozi

samedi 4 Ruhuhuma 2017

Imiryango itanu yo mu ntara ya Cibitoke,igizwe n’abantu cumi na batatu yarahunze ingo zayo kubera ugutinya kwicwa n’ababanyi bab babagiriza uburozi.

Iyo miryango isanzwe iba ku mutumba wa Butara,Ikomine ya Bukinanyana mu ntara ya Cibitoke,yahungiye ku murwa mukuru w’intara itinya kugirirwa nabi n’ababanyi bayagiriza uburozi.

Bamwe muri iyo miryango bavuga ko imvo ituma babagiriza uburozi ari kugira babatware amatongo yabo.

Uko ari imiryango itanu yose isaba gukingirwa itaragirirwa nabi, kuko umutekano wabo ubangamiwe.

Mu bajejwe umutekano,komiseri w’igipolisi amenyesha ko ariko arakorana n’abajejwe intwaro kugira bumvishe abanyagihugu ko abo bahunze bategerezwa kugaruka mu mihana yabo mu mutekano.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.