IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Inkoho zibiri na Gerenade zine vyafashwe

Cibitoke : Inkoho zibiri na Gerenade zine vyafashwe

mercredi 12 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Inkoho zibiri, amagerenade ane hamwe n’amasasu 90 nivyo birwanisho vyafatiwe ku rugo rwo muri zone ya Cibitoke, kw’ibarabara rya 13, mw’ijoro ryo kuri uwu wa kabiri nk’igihe c’isaha zine z’ijoro. Ivyo birwanisho vyabonywe na nyene inzu, biri mu gisenge c’inzu (Plafond), mu gihe yari yatumyeko uwumukorera amatara.

Uwo muntu abonye ivyo birwanisho, yaciye yitura abajejwe umutekano bamwegereye, akaba aribo baje kubikurayo.

Mu giporisi c’Uburundi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura kugira uwanyegeje ivyo birwanisho amenyekane. Mu bariko bakorwako amatohoza, Moise NKURUNZIZA, icegera c’umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi avuga nyene iyo nzu, hamwe n’intwazangabo yo mu gisirikare c’Uburundi yo kw’ipete rya Major yahora iba muri iyo nzu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.