Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke: Umugabo bikekwa ko ari mu barungika abantu mu bihugu vy’abarabu (...)
Cibitoke: Umugabo bikekwa ko ari mu barungika abantu mu bihugu vy’abarabu yahagaritswe
samedi 2 Nyakanga 2017
Amakuru ava aho mu Cibitoki amenyesha ko uwo mugabo yahagarikiwe kw’ibarabara rya 5 rya zone Cibitoki, ari kumwe n’uwundi mukenyezi, afise kandi impapuro zifasha abantu kujabuka imbibe z’abantu benshi.
Ayo makuru nyene ava mu baba muri zone ya Cibitoki hafi yaho bafatiwe, yemeza ko muri izo mpapuro yafatanywe, harimwo n’izo uwo mugore bari kumwe.
Abo bantu bahagaritswe inyuma yaho haheze iminsi havugwa abantu bajanwa mu bihugu vy’abarabu, babwirwa ko bagiye gukora akazi, ariko abashitseyo bakagaruka bavuga ko bakoreshwa nabi.
Amashirahamwe aharaniraagateka ka zina muntu amaze kumenyesha ko abigeme n’abagore batari bake bamaze kujanwa mu bihugu vy’abarabu.
MUGISHA Van Naris
Messages
3 Nyakanga 2017, 16:26, par NDC
Igitangaje n’uko abo bagore baguma bahurmbira ivyo bihugu n’ukuntu badasiba kwumva abahariyeyo ningorane zirenze. None bashaka iki? Nukuraba neza impavu abo bagore badahaha.
5 Nyakanga 2017, 19:50, par irzkoze anita
nabarwayi