IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umuvugabutumwa wo kw’ishengero ry’abagenzi yari yafashwe (...)

Cibitoke : Umuvugabutumwa wo kw’ishengero ry’abagenzi yari yafashwe yarekuwe

mardi 26 Nyakanga 2017, par Egide NDUWIMANA

Muri abo indwi bafashwe bari bafashwe, harimwo umuvugabutumwa wo kw’ishengero ry’Abagenzi (Eglise des Amis) mu ntara ya Cibitoke.

Pasitori Gaspard NTAWUNDONDERA wo mw’ishengero ry’Abagenzi (Eglise des Amis) mu ntara ya Cibitoke yari kumwe n’abandi bantu batandatu bari baje gusuhuza umugore wiwe yari arwaye, bose bakaba bagirijwe ko bari mu nama itazwi n’abajejwe intwaro.

Inyuma y’ukwumvirizwa, abo bantu bose basiguye ko bari bagiye gusuhuza uwo mugore wa Pasitori arwaye, bakaba barekuwe ku muhingamo wo kuri uwu wa mbere.


Egide NDUWIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.