Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Umwana umwe yitavye Imana, babiri barakomereka bahitanywe na (...)
Cibitoke : Umwana umwe yitavye Imana, babiri barakomereka bahitanywe na gerenade
mardi 23 janvier 2018
Uwo mwana w’umukobwa yitavye Imana azwi kw’izina rya Girukwigomba jehovah w’imyaka itanu y’amavuka, hamwe na Shemezimana Thierry na TUYISHIME bakomeretse bikomeye.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE amenyesha ko iyo gerenade yaturitse nk’igihe c’isaha icumi n’igice kur’uyu wa mbere, mu gihe iyindi imwe itaturitse yatowe ahaturikiye iyo ya mbere.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko abakomeretse bariko bavugirirwa mu bitaro Agape vyo mu rugombo, kandi amatohoza akaba yamaze gutangura kugira bamenye icatumye ayo magerenade aturika.
MUGISHA Van Naris
Messages
23 janvier 2018, 13:34, par Oscar
Andika hano Kumutekano,uriho,ayomagerenade,aturika,azananyehe ? Birababaje,kwa Matwicwa,nibigwanisho.