Accueil > Amakuru > umutekano > Cibitoke : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu Kibira
Cibitoke : Ikiziga c’umugabo atamenyekanye catowe mu Kibira
jeudi 30 novembre 2017
Amakuru ava mu bajejwe intwaro muri komine Bukinanyana amenyesha ko uwo mugabo yatowe nk’igihe c’isaha cumi na zibiri hagati ya zone Ndora na Zone Masango za Komine Bukinanyana.
Abajejwe intwaro muri komine Bukinanyana bemeza ko ikiziga c’uwo mugabo cari kiboshe kandi cari gitanguye kwononekara.
Ayo makuru nyene amenyesha ko uwo muntu yaciye ashingurwa, ariko amatohoza akaba akibandanya kugira bamenye umwidondoro wiwe, bamenye n’icoba catumye urwo rupfu.
MUGISHA Van Naris