Accueil > Amakuru > umutekano > Gasekebuye : Abitwaje inkoho bivye ku rugo rwa Dieudonné HATUNGIMANA
Gasekebuye : Abitwaje inkoho bivye ku rugo rwa Dieudonné HATUNGIMANA
mardi 6 Ruheshi 2017, par
Mu giporisi c’Uburundi bamenyesha ko abo basuma bitwaje inkoho binjiye muri urwo rugo nk’igihe c’isaha cumi na zibiri n’iminota mirongo itanu, mu gatondo ko kuri uwu wa kabiri, biba Terefone ngendanya zitandatu, impeta z’ubugeni zibiri, imashini mudasobwa (Ordinateur) imwe, amafaranga ibihumbi amajana abiri y’amarundi, hamwe n’amafaranga igihumbi n’amajana abiri y’amadorare.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, Petero NKURIKIYE, amenyesha ko abo basuma bagiye kandi bivye muir urwo rugo imodoka ifise iparati ndangamuduga ya D 5753 A
Mu giporisi bavuga ko amatohoza yamaze gutangura.
- OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi
Egide NDUWIMANA
Messages
6 Ruheshi 2017, 15:32, par Ngendakuriyo Eric
Mb Kobavugak Umutkano Ar 100/100 Izo Nkoho Zivah?
9 Ruheshi 2017, 13:38, par Ntegeyaha Laban
abobamenja Boba babafashe? Nimbababafashe Nibabatware Imbereyubutungane Babashengez