Accueil > Amakuru > umutekano > Gasekebuye : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yishwe
Gasekebuye : Umuntu bivugwa ko ari umusuma yishwe
jeudi 30 Munyonyo 2017, par
Uwo muntu yarashwe nk’igihe c’isaha icumi z’agatondo ko kuri uwu wa kane, amakuru dukura aho mu Gasekebuye akavuga ko yari ahejeje kwiba mu muhana iri aho mu Gasekebuye ari kumwe na bagenzi we batunzwe n’ayo bameze.
Abanyagihugu bo muri karitiye ya Gasekebuye bavuga ko bari bamaze iminsi bibwa mu mihana, abasuma bakaba batwara ivyo bahasanze vyose.
Nta minsi myinshi yari iheze hari umuryango utewe n’abasuma, bawiba imodoka hamwe n’amafaranga menshi. Abo basuma bafatiyeko inkoho abo muri uwo muryango, baca basiga bababoshe.
Egide NDUWIMANA