IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Abari banyurujwe bashitse bavyimvye amaguru

Gatumba : Abari banyurujwe bashitse bavyimvye amaguru

jeudi 27 Ndamukiza 2017, par Egide NDUWIMANA

Abantu bane bari banyurujwe n’abitwaje ibirwanisho kw’ibarabara Bujumbura - Gatumba bashitse mu miryango yabo bose kuri uwu wa gatatu.

Bashikanwe ku rubibe rw’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nayo iminsi yose 17 bamaze mu minwe y’ababanyuruje bakaba bayimaze baboshe ibitambara mu maso. Bashitse kandi bavyimvye amaguru kubera urugendo rurerure bafashe n’amaguru masa, kuko bari babatwaye ibirato bafashwe bambaye.

Bose hamwe bafashwe ari bane : Patiri Adolphe NTAHONDEREYE, Mathias MIJURIRO asanzwe avuza umuduri (yahoze mu murwi NAKARANGA), Ramadhan BARAKAMFITIYE, hamwe na Petero BUTOYI.

JPEG - 144.8 ko
Patiri Adolphe NTAHONDEREYE, umwe mubari banyurujwe

Mu giporisi bavuga ko abo bantu bari bagizwe imbohe i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kandi ko ata mafaranga batanze kugira barekurwe.

Bari bafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba. Mu gihe mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero ari abasuma bariko bagerageza kwibisha inkoho ku bantu bariko biyunguruza muri iyo modoka, abo bari banyurujwe bavuga ko babwiwe ko bafashwe n’abarwanya Reta y’Uburundi.

JPEG - 76.1 ko
Patiri Adolphe NTAHONDEREYE (hagati) ari kumwe n’abafurera basangiye ubutumwa, mu Gatumba

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.