Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Abari banyurujwe bashitse bavyimvye amaguru
Gatumba : Abari banyurujwe bashitse bavyimvye amaguru
jeudi 27 Ndamukiza 2017, par
Abantu bane bari banyurujwe n’abitwaje ibirwanisho kw’ibarabara Bujumbura - Gatumba bashitse mu miryango yabo bose kuri uwu wa gatatu.
Bashikanwe ku rubibe rw’Uburundi na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, nayo iminsi yose 17 bamaze mu minwe y’ababanyuruje bakaba bayimaze baboshe ibitambara mu maso. Bashitse kandi bavyimvye amaguru kubera urugendo rurerure bafashe n’amaguru masa, kuko bari babatwaye ibirato bafashwe bambaye.
Bose hamwe bafashwe ari bane : Patiri Adolphe NTAHONDEREYE, Mathias MIJURIRO asanzwe avuza umuduri (yahoze mu murwi NAKARANGA), Ramadhan BARAKAMFITIYE, hamwe na Petero BUTOYI.
- Patiri Adolphe NTAHONDEREYE, umwe mubari banyurujwe
Mu giporisi bavuga ko abo bantu bari bagizwe imbohe i Uvira muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, kandi ko ata mafaranga batanze kugira barekurwe.
Bari bafashwe kw’igenekerezo rya 9 Ndamukiza 2017, mu gitero c’abantu bitwaje ibirwanisho cakozwe ku modoka barimwo yunguruza abantu ibavanye mu gisagara ca Bujumbura. Iyo modoka yarashwe igeze hafi y’urubibe rugabura karitiye ya Kajaga na karitiye ya Gatumba. Mu gihe mu giporisi bavuga ko abakoze ico gitero ari abasuma bariko bagerageza kwibisha inkoho ku bantu bariko biyunguruza muri iyo modoka, abo bari banyurujwe bavuga ko babwiwe ko bafashwe n’abarwanya Reta y’Uburundi.
- Patiri Adolphe NTAHONDEREYE (hagati) ari kumwe n’abafurera basangiye ubutumwa, mu Gatumba
IGIHE
Messages
27 Ndamukiza 2017, 15:37, par keziya
mungu apewe sifa kwa watu hao warikuwa wamekamatwa na wasi hawo tunamushukuru mungu kabisa amina
27 Ndamukiza 2017, 17:48, par MBONERAKURE
IZONIZAMUJERI
27 Ndamukiza 2017, 19:15, par Wakera
Bari banyurujwe n’imbonerakure ziri Kiliba ONDES aho ziriko zigira imyimenyerezo yokumara abarundi zifadikanije n’interahamwe na FDLR! Abafurero baba Secteur 5, Cimuka na Mwaba bamaze imisi bazidogera ko zibatoteza, zikabafatira abakenyezi n’abakobwa kunguvu!! Mbega akaga k’intwaro mbi y’icaduka!!!!
27 Ndamukiza 2017, 21:11, par FIDELE
abo bantu ntibazi ico bakora !
29 Ndamukiza 2017, 20:35, par samuel
yemwetujohera,badutwaramwijoro,yemwe,mbekobadutwarabatujibiye,amasonibara,nahogusengayemwe
2 Rusama 2017, 11:05, par NKURUNZIZA Egide.
Izo Nkozi Zikibi Turizera Ko Vuba Zizovugutirwa Umuti Kuko Igipolici Nigisirikare Vyuburundi Birikwiye Kandi Birhkwije. Ico Twosaba,nukw Leta Yokwongereza Ibirindir Vyabajejw Umutekan Kumbib Zigihug Na Cane Cane Kurubib Rw’uburund Na RDC