Accueil > Amakuru > umutekano > Gatumba : Amacupa 48 ya Drosty yafashwe atekeye mu mufuko w’intore
Gatumba : Amacupa 48 ya Drosty yafashwe atekeye mu mufuko w’intore
mardi 23 janvier 2018
Amakuru dukesha umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre NKURIKIYE , amenyesha ko izo nzoga zafatiwe mu Gatumba, Komine Mutimbuzi.
Ayo makuru nyene amenyesha ko izo nzoga zafashwe nk’inzoga zari mu rudandazwa rwa magendu.
Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha kandi ko hari imodoka yafatiwe mu rugo aho yari inyegejwe, muri quartier Buhomba, zone Maramvya kw’ibarabara rya 5.

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano amenyesha ko iyo modoka ishobora kuba yibwe mu gisagara ca Bujumbura, kuwa mbere igenekerezo rya 22 Nzero 2018.

MUGISHA Van Naris