Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Abasuma bishe umwungere umwe, bakomeretsa uwundi
Gihanga : Abasuma bishe umwungere umwe, bakomeretsa uwundi
samedi 8 Ndamukiza 2017, par
Umwungere umwe yishwe, uwundi arakomereka mu gitero c’abantu bitwaje imipanga, muri komine Gihanga. Abo bantu bari abasuma b’inka, nk’uko bivugwa n’abajejwe intwaro muri iyo komine ya Gihanga.
Abajejwe umutekano baranyarukiye gutabara, ivyafashije kutiba n’inka n’imwe, kiretse gusa abo bungere babiri b’izo nka bakomerekejwe n’abo basuma, umwe muribo agahava yitaba Imana yashikanwe kwa muganga.
Muri abo bitwaje ibirwanisho, nta n’umwe yashoboye gufatwa, abajejwe intwaro muri komine Gihanga bakavuga ko bahunze berekeza mw’ishamba cimeza rya Rukoko.
Mu ntara ya Mwaro, muri komine Ndava, havugwa ikiziga c’umugore catowe mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, abajejwe intwaro bakikeka ko uwo mugore yishwe n’umugabo wiwe yamucumise imbugita, imbere y’uko ahunga.
Ntawuzi irengero ry’uwo mugabo yagirizwa urwo rupfu.
IGIHE
Messages
8 Ndamukiza 2017, 10:35, par Cobla Rouge
Murambariza Cagisuma Wakera Kwataco Kibiziko. Sha Twaraye Tugutesheje Akanyama Ariko Tuziruka Nampaka Mpaka Uvuye Kubintu.
8 Ndamukiza 2017, 16:04, par Diego Irankunda
Isi Yaheze Abasenga Nibasenge Kuko Tugeze Mugihe Canyuma Anti-Christo Ariko Akorera Kumugaragaro Kwel
8 Ndamukiza 2017, 16:21, par MOB
Uwo musuma yitwa Wakera. Yangegera yirirwa iracafuza leta y’uburundi kuri uru rubuga.
8 Ndamukiza 2017, 17:03, par Wakera
Abo bitwaje imipanga n’imbonerakure,interahamwe naba FDLR bahabwa akazi na Gatinyashengero! Ubu zahaze inyama z’abantu zigandagura none zitandukiriye inka nazo! Abashinwa nibarabe bazane inyama kuko ivya Buruguri vyasenzwe! Ariko bazohava babaha inyama z’indura, mugabo ndaguye ndagarutse nazonyene bazozirya kuko n’inkababembe.
8 Ndamukiza 2017, 21:11, par Nowera Nimbona
Uwomugabo yishe umugore wiwe naronderwe ni mbonerakure vyansebikunze.
9 Ndamukiza 2017, 14:17, par John Tayebwa
@COBRA ROUGE. Iwanjye mfise imbwa yitwa WAKERA. Urya mutype ni imbwa yambere kwisi. Ashobora kuba ari ni umusuma byo. Kuko WAKERA ni izina ry’imbwa.
10 Ndamukiza 2017, 09:13, par Wakera
Izo mbonerakure zikunda inyama bwabara !!! Nukuzisubiza kuri discipline ahandiho ntibizoroha!!! Zahevye gutera inda abakeba ubu zigiye munka!