Accueil > Amakuru > umutekano > Gihanga : Umukuru w’Imbonerakure yaburiwe irengero
Gihanga : Umukuru w’Imbonerakure yaburiwe irengero
mardi 13 Ruheshi 2017, par
Amakuru atangwa n’abanyagihugu b’i Gihanga avuga ko Pasteur HAKIZIMANA yanyurujwe n’abantu bataramenyekana ku munsi wa kane, bamusanze aho ari aho i Gihanga, bamutegeka kwurira mu modoka ifise iyo bitabonerana.
Ayo makuru y’inyuruzwa ry’umukuru w’Imbonerakure i Gihanga aremmezwa n’uwutwara umugambwe ku rwego rw’intara ya Bubanza.
Umuryango wa Pasteur HAKIZIMANA umenyesha ko kuva kuri uwo munsi wa kane afashwe akajanwa mu kibanza kitaramenyekana, terefone ngendanwa yiwe yaciye izima, bakaba batarashobora kuvugana nawe canke kumenya aho ari.
IGIHE
Messages
14 Ruheshi 2017, 04:49, par Felixi.Nkunzimana
ijanwa Rya.Pasiteri Hakizimana.Riteye Amakenga.Izomodoka Zifise Ibiyobitabona Nukurabaneza
14 Ruheshi 2017, 16:17, par CNG
none ivyo biba kuberiki?bararaba ko hari iyind portique yoba yinyegeje inyuma.
19 Ruheshi 2017, 18:23, par NDIHO
NIBARABIRE NO MU RUTARA KWA RUNYONGA
23 Mukakaro 2017, 15:02, par Ngendabanyikwa Germain
Ahubwo bwimujeri bugiye kugira ingora.Uko niko basigye badutwara abategetsi?